Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yarokoye Umuntu Amaze Imisi 5 Asenyukiweko n'Ibibomoke vy'Igorofa 5


Muri Afurika y’Epfo, abajejwe gutabara bashoboye kurokora umuntu umwe agihumeka inyuma y’iminsi itanu asenyukiweko n’ibibomoke vy’inyubakwa y’igorofa zitanu.

Inyubakwa yasenyutse ku munsi wa mbere ni iyo mu gisagara citwa George kiri mu burengero bw’intara ya Cape.

Abategetsi b’iyo ntara bavuze ko igihe iyo nyubakwa yasenyuka ku munsi wa mbere, abantu 81 ari bo bari bayirimwo. Muri aba, 13 vyaramaze kwemezwa ko bitavye Imana, 29 bararokotse, 39 baracaronderwa.

Buramatari w’intara yabereyemwo ino nsanganya, yavuze ko kubona hari uwushoboye kurokoka inyuma y’amasaha 116, ari igitangaza cigendera.

Ibikorwa vyo kurondera abagera kuri 39 basigaye biracabandanya (REUTERS).

Forum

XS
SM
MD
LG