Uko wahagera

Prezida w'Ubushinwa Jinping Arabonana na Prezida Macron w'Ubufransa i Paris


Prezida Ji Jinping ageze i Paris mu Bufransa
Prezida Ji Jinping ageze i Paris mu Bufransa

Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, kuri uyu w'Imana yaratanguye urugendo rw'imisi itatu ku mugabane w'Ubulaya. Ni mu gihe ibihugu vyo kuri uyo mugabane bitumvikana ku kugene vyovyifatamwo ku bijanye n'imigenderanire n'Ubushinwa inguvu n'igihagararo cabwo bitera bikomera kurushiriza.

Prezida Xi Jinping yatanguriye urugendo rwiwe mu gihugu c’Ubufransa. Mu nyuma yaho azoja mu bihugu vya Serbiya na Hongriya, bihugu vyompi bibonwa ko bicuditse n’Ubushinwa hamwe na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin. Ivyo bihugu biraronka kandi imitahe ikomeye ivuye mu Bushinwa. Igihe yashika mu Bufransa, yakiwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubufransa, Gabriel Attal. Inyuma y’uko ashitse, Prezida Xi Jinping yatangaje ko afise icizere ko urugendo rwiwe ruzokomeza imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’Ubufransa, mu vyo yavuze ko bizofasha kwubahiriza umutekano mu makungu.

Ku musi wa mbere, Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, araza kwakira icese Prezida Xi jinping. Abo bategetsi bompi bazobonana n’umukuru w’inama nyobozi y’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, Ursula von der Leyen. Bitegekanijwe ko Ursula von der Leyen yifatanya na Macron mu gutuma Ubushinwa bwubahiriza imigambi myiza mu vy’ubudandaji n’umugabane w’Ubuylaya, hamwe no gukoresha inguvu n’igihagararo cabwo mu kugondoza Uburusiya kugira buhagarike ingwano yabwo muri Ukraine. Ubushinwa bwatangaje ko ata ruhande na rumwe zihengamiyeko mu ntambara iriko iba muri Ukraine. Yamara Ubushinwa bwagirijwe ko bufasha Uburusiya mu kuburonsa ibintu bikomeye bukoresha mu guhingura ibirwanisho bukoresha muri Ukraine.

Umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya waratanguje itohoza ku migambi y’Ubushinwa yo gufata mu mugongo mu buryo budakwirikiye amashirahamwe yayo akora imiringo y’ubudandaji mu bituma higanwa kurusha ayo ku mugabane w’Ubulaya. Umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya ushobora kuzoshiraho amatagisi akomeye ku bibandazwa bitari bike biturutse mu Bushinwa.

Urugendo rwa Prezida Xi Jinping, ku mugabane w’Ubulaya ruzokwirikiranirwa hafi n’abategetsi ba Reta ya Amerika i Washington. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG