Uko wahagera

Jenerali Haliva Yari Akuriye Iperereza ry'Igisirikari ca Isirayeri Yatanze Imihoho


Jenerali Aharon Haliva
Jenerali Aharon Haliva

Jenerali Majoro Aharon Haliva, umutegetsi mukuru ajejwe iperereza ry'igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa mbere, yatanze imihoho mu mabanga yiwe bifatiye ku bitero umurwi Hamas wakoze mu kwezi kw'icumi mu mwaka urangiye w'i 2023.

imbere y’uko atanga imihoho, Jenerali Haliva yaremeye uruhara rwiwe mu makosa y’iperereza yabaye yatumye abarwanyi b’umurwi Hamas bakora ibitero ku butaka bwa Isirayeri vyahitanye abantu 1,200, bagira imbohe abantu bagera ku 250.

Igisirkiare ca Isirayeri cashize ahabona ikete ryo gutanga imihoho rya Haliva kuri uyu wa mbere. Cavuze ko azoshikiriza amabanga yiwe icese agatafa akaruhuko ko mu za bukuru buno nyene inyuma y’uko uwuzomusubirira azoba yagenywe.

Haliva yatangaje ko abajejwe iperereza ry’igisirikare ayoboye bataranguye akazi kabo nk’uko bikwiye. Yavuze ko yemeye ayo makosa kandi ari ibintu bizomugirako ingaruka ubuzima bwiwe bwose.

Uyu mujenerali ni we mutegetsi wa mbere akomeye cane muri Isirayeri atanze imihoho bifatiye ku bitero umurwi Hamas wakoze kw’itariki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023.

Isirayeri yasubirije mu nkoko umurwi Hamas mu gukora ibitero bikibandanya mu ntara ya Gaza. Isirayeri yatangaje ko ivyo bitero bigenewe kuzimanganya umurwi Hamas no kubona ko uwo murwi utazoshobora gukora ibindi bitero ku butaka bwa bwayo.

Forum

XS
SM
MD
LG