Muri Amerika, ibimenyeshamakuru vyigenga 12 vyasavye Prezida Joe Biden azoserukira abademokrate mu matora yimirije, na Donald Trump azoserukira abarepublikane, kwemera guhurira mu biganiro mpaka vyo mu bimenyeshamakuru.
Ibimenyeshamakuru birimwo ABC, CBS, CNN, Fox, PBS, NBC, NPR na Associated Press, mw’ikete vyandikiye Biden na Trump, vyavuze ko ibiganiro mpaka bine bibanziriza amatora, ari umugenzo w’agaciro uranga Amerika kuva mu 1976.
Naho ivyo bimenyeshamakuru ata butumire bw’ibiganiro birarungikira Joe Biden na Donald Trump, vyavuze ko hageze ko abo banyepolitike batomora nimba bazokwitabira ibiganiro bitatu vy’abazokwitoza mu kibanza ca prezida, na kimwe cama kigenerwa abazokwitoza mu mwanya wa visi prezida w’Amerika.
Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika, abicishije ku bajejwe ukwiyamamaza kwiwe, mu ndwi iheze yavuze ko yipfuza kuja mu kiganiro mpaka kibanziriza amatora, atitaye ku mwanya coberako n’aho cobera. Ku bw’abajejwe imyiyamamazo ya Trump, umwanya mwiza wo gukora ivyo biganiro ni ubu.
Abajejwe ivy’imyiyamamazo ya Prezida Joe Biden, banse kugira ico bavuga kw’ikete ry’ibimenyeshamakuru bisaba ibiganiro mpaka hagati y’abazokwitoza mu matora y’uno mwaka.
Mu kwezi kwa gatatu, Joe Biden yishuye ariko abameyeshamakuru bamubajije niba azokwemera guhurira mu kiganiro mpaka na Donald Trump, ko bizovana n’imyitwarire yiwe.
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abanyamerika, AP, rivuga ko mu kiganiro mpaka ca mbere cabaye hagati ya Biden na Trump, Biden yababajwe na Trump yamwatse ijambo avuga ati: “ Urashobora kukazibira?”
Forum