Uko wahagera

USA: O.J. Simpson Yitavye Imana ku Myaka 76


O.J. Simpson
O.J. Simpson

Umunyamerika O.J Simpson yitavye Imana ku musi wa kane, ahitanywe n’ingwara ya kanseri. Umuryango wiwe ni wo watangaje iyo nkuru.

Uyu yahoze ari umukinyi kirangiranwa mu rukino rukoresha amaboko n’amaguru rukundwa cane muri Amerika rwitwa “American Football” canke “Football Americain”, mu rurimi rw’igifransa, yitavye umuremyi afise imyaka 76.

Mu mwaka w’1994, Simpson yaragirijwe urahara mw’igandugurwa ry’Abanyamerika babiri bakundana: uwahoze ari umutambukanyi wiwe, Nicole Brown n’umugenzi wiwe bakundana ico gihe, Ron Goldman.

Mw’itangazo umuryango wiwe wasohoye, wasiguye ko Orenthal James Simpson, yari azwi cane kw’izina rya O.J. Simpson, yitabye Imana akikujwe n’abana hamwe n’abuzukuru biwe. Umuryango wiwe wasavye muri iki gihe ko abantu bawuha umwanya wo kumugandarira mu mwiherero n’iteka.

Mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 2023, O.J. Simpson, mu butumwa bwa videwo yashize ku rubuga, X, yaratangaje ko yatowemwo indwara ya kanseri inyuma y’uko yisuzumishije. Yatangaje ko yasa n’uwatsinze iyo ndwara inyuma y’uko abaganga bakoresheje ubuhinga buhari bwo kuvura kanseri. Yamara Simpson ntiyatangaje ubwoko bw’iyo kanseri yatowemwo.

O.J. Simpson
O.J. Simpson

O.J. Simpson yatazirwa, “The Juice”, (umutobe) yabaye kirangiranwa mu rukino rwa, “Football Americain” ari muri kaminuza, n’igihe yakina ku rwego rw’abarugize umwuga, inyuma y’aho. Yarabaye kirangiranwa kandi mu mwuga wo gutangaza amakuru yerekeye inkino, no mu mareresi. Yarabaye kandi umuvugizi w’amasosiyete akomakomeye, cane cane isosiyete yo muri Amerika, Hertz, ikodesha imodoka.

O.J. Simpson yari umuntu adahuriweko na bose, cane cane inyuma y’uko yagirijwe urupfu rw’uwahoze ari umutambukanyi wiwe Nicole Brown Simpson.

Igihe yambikwa izera mu rubanza rwo mu mwaka w’i 1994, ku bijanye n’iyicwa bunyamaswa rya Nicole Brown Simpson, Amerika yarerekanye ko yiciyemwo ibice bibiri, bifatiye kw’ibara ry’urukoba. Abirabure barerekanye akamwemwe ntangere igihe urubanza rumwambika izera kuri ivyo vyaha yagirizwa, mu gihe abazungu bacitse intege, abandi na bo barerekanye ishavu rikomeye.

O.J. Simpson, yavutse kw’itariki 9 y’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 1947 mu gice cari gikenye ca Potrero Hill, kiri hafi y’igisagara ca San Faransisco. Asize abana 4, babiri b’umutambukanyi wa mbere, Marguerite Whitley, abo na bo ni Arnelle Simpson na Aaren Simpson. Abandi babiri ni abo yari yavyaranye na Nicole Brown Simpson, Sydney Brown Simpson, na Justin Simpson. (ABC

Forum

XS
SM
MD
LG