Uko wahagera

Ukraine Isaba Abayifasha Kuva mu Majambo Bagatanga Imfashanyo


Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yasavye ko ingingo zifatwa, aho kwishinga ibiganiro bitarangira ku mfashanyo ya gisirikare Ukraine ikeneye. Ni inyuma y'ibitero vy'urutavanako Uburusiya buriko bukora ku gihugu ciwe.

Ni inyuma y’ibitero vya drone na misile Uburusiya bwakoze mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa kane. Igisirikare ca Ukraine cavuze ko ivyo bitero vyari bigizwe na misile 42 na drone 40.

Zelensky yatangaje ko n’iyo Uburusiya bwabandanya ibitero vya misile na drone kuri Ukraine, bizoha ico gihugu uburenganzira bwo gukora iterabwoba mu gihugu ciwe no mu makungu.

Zelensky yatangaje ku mbuga ngurukanabumenyi ko igihugu ciwe gikeneye ibikoho birasa indege, misile na drone n’izindi mfashanyo zigenewe kwivuna umwansi. Yavuze ko igihugu ciwe kidakeneye ibiganiro bitarangira.

Prezida Zelensky yatangaje ko ibitero Uburusiya buherutse gukora vyabaye mu ntara za Kharkiv, Kiev, Zaporizhzhia, Lviv na Odesa. Yavuze ko abo yita Abarusiya barangwa n’iterabwoba basubiye kandi gukora ibitero mu bibanza bfitiye akamaro gakomeye cane igihugu ciwe.

Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine catangaje ko ibikoho birasa indege, misile na drone vyasambuye drone 39 kuri 40 na misile 18 kuri 4 vy’Uburusiya.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, kuri uyu wa kane, bwavuze ko bwatesheje ibitero vya drone 12, Ukraine yari yagerageje gukora qu ntara zitari nke z’Uburusiya. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG