Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Ibitero ku Bibanza Bitanga Umuyagankuba muri Ukraine


Abategetsi ba Ukraine, kuri uyu wa gatatu, batangaje ko Uburusiya bwakoresheje drone 17 na misile eshatu mu bitero bwakoze mu bibanza bitanga umuyagankuba mu gihugu.

Ingabo za Ukraine zirwanira mu kirere zasiguye ko ibikoho birasa misile na drone vyasambuye drone 14 kuri 17 zakoreshejwe mu bitero Uburusiya bwakoze mu ntara za Mykolaiv na Odesa.

Zavuga ko ivyo bikoho vyasambuye kandi misile 2 kuri zitatu Ubususiya bwakoresheje mu bitero mu ntara ya Odesa.

Oleh Kiper, bulamatari w’intara ya Odesa, mu butumwa ku rubuga Telegram, yavuze ko ibitero vy’Uburusiya vyakozwe mu bibanza vy’amasoko ntanganguvu, n’ibikoreshwa mu gutwara abantu n’ibintu. Yatangaje ko vyononye ibitari bike, bikomeretsa n’abantu.

Bulamatari w’intara ya Mykolaiv, Vitaliy Kim, yatangaje ko ibitero vya drone muri iyo ntara vyononye ibibanza vy’amasoko ntanganguvu, bituma umuyagankuba ucika.

Yamenyesheje ko vyafashe amasaha atari make kugira uwo muyagankubaa usubire kuboneka. Muri ico gihe, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, kuri uyu wa gatatu, bwavuze ko bwatesheje ibitero vya drone mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatatu. Bumeneysha ko bwasambuye drone 5 hejuru y’intara ya Bryansk.

Forum

XS
SM
MD
LG