Uko wahagera

RDC: Umurwi wa M23 Urabandanya Gufata Uturere mu Nkengera za Goma


Amahema y'abaturage bahunze intambara hafi y'umujyi wa Goma muri Repubulika ya demukarasi ya Kongo
Amahema y'abaturage bahunze intambara hafi y'umujyi wa Goma muri Repubulika ya demukarasi ya Kongo

Imirwi irwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Kongo irabandanya gufata uturere inyuma y’aho inteko za ONU zituruka mu Buhindi zitereye ibirindiro vyazo. Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, rivuga ko ryabonye ayo makuru muri nzandiko za ONU zitashizwe ahabona.

Mu rwandiko ibiro vya ONU muri Kongo MONUSCO vyagejeje ku bakozi bavyo, rwagize ruti: “Umutekano urabandanya guhungabana cane, mu gihe umurwi urwanya ubutegetsi bwa Kongo M23 umaze gushika mu micungararo ya Sake”.

Sake ni agasagara kari ku birometero 25 uvuye I Goma, igisagara ca mbere kinini muri iyo ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Abanyagihugu bo muri ico gisagara bangana n’imiliyoni zibiri; igitigiri ciyongeye kubera abanyagihgu bagihungiramwo, bavuye mu tundi duce tumaze guterwa n‘umurwi M23.

Inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano muri ako gace, MONUSCO, zivuga ko abagwanyi ba M23 bafashe ibirindiro bitari musi ya bitatu mu nkengera za Sake kuva abasirikare ba ONU b’Abahindi bavuye mu birindiro vyabo.

AFP yatangaje ko abarwanyi ba M23 n’abasirikare ba Repubulika ya demokarasi ya Kongo batanye mu mitwe mu mpera z’indwi turangije mu karere ka Sake no ku nkengera z’uburengero bw’igisagara ca Goma. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG