Uko wahagera

USA: Antony Blinken Arabonana n'Umunyapolitiki wa Isirayeri Yair Lapid


Yair Lapid ni umunyapolitiki atavuga rumwe na Benjamin Netanyahu
Yair Lapid ni umunyapolitiki atavuga rumwe na Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa mbere, arabonana n'umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Isirayeri, Yair Lapid, i Washington.

Abo bategetsi bazoba babonanye imisi mikeyi inyuma y'uko umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yemeye kwugurura imihora mishasha yo gucishamwo imfashanyo zigenewe intara ya Gaza. Iyo mihora iri ahitwa Erez ku rubibe hagati ya Isirayeri n'uburaruko bw'intara ya Gaza.

Blinken yashitse i Buruseri mu Bubiligi ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. yaratangaje ko Reta ya Amerika yakiye neza ingingo ya Netanyahu. Yamara yavuze ko Reta ya Prezida Biden, ishaka kubona intambwe ziboneka.

Antony Blinken yagize ati:” Ivyo dushaka kubona mu misi n’indwi biri imbere, ni ibikorwa bishimikiye ku kwongereza imfashano zigenewe abanyagihugu bo mu ntara ya Gaza, hamwe no kworohereza igikorwa co kuzishikiriza abanyagihugu, bazikeneye, gucunera umutekano w’abazitanga hamwe n’uwabasivile. Ntidukeneye kubona mu bihe biri imbere abantu batari bake babandanya kwicwa mu ngwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yemeye kwugurura imihora mishasha igenewe gucishamwo imfashanyo zigenewe intara ya Gaza inyuma y’uko avuganye kw’itelefone na Prezida wa Amerika Joe Biden.

Abo bategetsi babiri bavuganye inyuma y’uko abakozi indwi b’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, “World Central Kitchen,” bishwe mu gitero ca Isirayeri kw’itariki imwe y’uku kwezi kwa kane.

Prezida Biden yasavye ko haba agahengwe bidatevye mu ngwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG