Uko wahagera

Uburundi Bwibutse Nyakwigendera Cyprien Ntaryamira


Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe barashize ishurwe ahashinguwe uwahoze ari umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe barashize ishurwe ahashinguwe uwahoze ari umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira

Umugambwe Sahwanya Frodebu usaba reta y’Uburundi guha iteka ry’incungu y’amahoro n’umutekano Prezida Cyprien Ntaryamira.

Sylvana Ntaryamira,umupfasoni w’uwo nyakwigendera Cyprien Ntaryamira, bamwe mu rwaruka hamwe n’abanyamigambwe na bo bagasaba ko reta y’Uburundi yokora ibishoboka vyose, ukuri kukamenyekana, ku cahekuye Uburundi n’Abarundi, ababikoze na bo bakabihanirwa.

Ni mu gihe Uburundi ku musi wa gatandatu bwibutse imyaka 30 irangiye Cyprien Ntaryamira, umukuru w’igihugu yari arongoye Uburundi mu 1994 yahitanwa n’isanganya ry’indege i Kigali ari kumwe na mugenzi we w’igihugu c’u Rwanda Juvénal Havyarimana. Hari ku wa 6 Ndamukiza mu 1994.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe barunamiye Cyprien Ntaryamira aho ashinguwe.

Mu nkuka ya misa yatanguye ibirori vyo kwibuka Cyprien Ntaryamira, yitabwe n’indongozi z’igihugu, musenyeri mukuru wa diyoseze ya Bujumbura, akaba ari nawe arongoye inama nkuru y’abepiskopi mu Burundi, Gervais Banshimiyubusa, yibukije abo bategetsi ko ivyabaye muri kahise k’Uburundi vyobatera kwikebuka ntihame hakorwa ivyabandi bakoze vyashikanye habi Uburundi.

Ku ncuro ya mbere avuze ku vyabaye ku munega wiwe, Sylvana Ntaryamira, umutamukanyi w’uwahoze arongoye Uburundi Cyprien Ntaryamira, yitavye ibirori ari kumwe n’umwe mu bana biwe w’umwigeme, arasaba ko reta y’Uburundi ko yosaba amakungu hakaba amatohoza ataho yegamiye n’abariko bararuka ubu bakamenya ukuri.

Abo mu muryango wa Cyprien Ntaryamira
Abo mu muryango wa Cyprien Ntaryamira

Phénias Nigaba, Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, umugambwe Cyprien Ntaryamira yari asanzwe akomokamwo, asaba ko homenyekana ababiteguye bakanabishira mu ngiro hamwe n’icabitumye gutyo bagahanwa n’ubutungane.

Cyprien Ntaryamira yagandaguwe haheze yamezi abiri gusa atorewe kurongora Uburundi, ni inyuma y’ingandagurwa ry’incungu ya Demokarasi Prezida Mélchior Ndadaye.

Niwe yari yahurijweko na bose ko yoca arongora Uburundi, yongera yemezwa n’Inama Nshingamateka yose y’ico gihe. Yapfuye afise imyaka 39, yari no mu batanguje umugambwe Sahwanya FRODEBU. Yari yavukiye muri komine Mubimbi ku mutumba Gitwe wo mu ntara ya Bujumbura mu 1955.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:09 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG