Uko wahagera

OTAN Ntiremeza Imfashanyo ya Gisirikare kuri Ukraine


Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg

Ishirahamwe ryo gutabarana mu vya gisirikare, OTAN, ku wa kane w'ino ndwi ryararumanije imyaka 75 iheze rishinzwe. Isabukuru yaryo yahuriranye n'uko abashikiranganji bajejwe imigenderanire mu bihugu birigize bari bahuriye i Buruseri mu Bubirigi, barimbura ahanini ingene hoboneka uburyo bwo gufasha bifatika Ukraine, mu ntambara irimwo n'Uburusiya.

Naho imfashanyo y’igihe kirekire kandi ifatika kuri Ukraine yari umwe mu mishinge y’inama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire y'ibihugu bigize OTAN, batandukanye ata ngingo bafashe ku mfashanyo za gisirikare boha Ukraine.

Yamara umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yaratanze icizere ko igikorwa co kurondera imfashanyo kigiye kubandanya. Yaranibukije abari mu nama y’I Buruseri ko Uburusiya bubandanya gutera intambwe mu rugamba burimwo, no gukora ibitero vya misile na za drone mu bice bitandukanye vya Ukraine.

“Ku rugamba, ibintu bibandanya kwunyuka. Ukraine irakeneye imfashanyo nyinshi zirimwo ibigwanisho hamwe n’indege zo kwivuna umwansi. Ikigiye gukwirikira, ibihugu bitandukanye, bigiye kuraba ico vyokora, kugira bihe ibigwanisho Ukraine, cane cane ivyo gusambura za misile.”

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Ukraine n’amakungu, Dmytro Kuleba, yunze mu rya Jens Stoltenberg, asaba ahanini ko ibigwanisho vyo gusambura za misile, vyoba ivyakorewe muri Amerika.

“Kurokora ubuzima bw’abanyagihugu ba Ukraine, gukingira ibisagara vya Ukraine n’ubutunzi bwayo, tuzobikesha ubwinshi n’ubwoko bw’ibirwanisho birimwo ivyo gusambura za misile, n’indege z’intambara tuzoba dufise. Aha, mvuga cane cane ibigwanisho bisambura ibisasu vya misile, kuko ari vyo vyonyene bishobora gutuza ibitero vyo mu bwoko bwa misile balistike. Mu kwezi kwa gatatu kwonyene, Ukraine yarashwe ibikoho vya misile balistike 94.”

Umuhinga mu bijanye n’amatohoza Liana Fix, na we nyene asanga hari ubwoko bw’ibigwanisho Ukraine ikeneye gusumba ibindi, birimwo indege z’ingwano.

“ Izo, zikingira ibibanza bimwe bimwe gusa. Mu ndwi ziheze, twarabonye ko Uburusiya bwahinduye, butangura gukora ibitero ku nganda zitanga umuyagankuba. Aha rero, ni naho Ukraine ikeneye gukingirwa cane, biciye mu kuronsa ibirwanisho bisambura za misile.”

Muri iki gihe abagize Kongre y’Amerika batarashobora kwumvikana ku mfashanyo ya gisirikare ifise agaciro ka miriyaridi 60, reta ya Amerika yipfuza gufashisha Ukraine, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yari mu bitabiriye inama y’I Buruseri, yabwiye abo bari kumwe ati:

Male Voice: “Turazi neza ibikenewe. Ni indege z’ingwano, ibikoho birasa kure, n’ibindi bigwanisho. Mfatiye ku vyo numvise ngaha, ndizera ko impande zose, zirimwo Amerika, zigiye kugwiza cane inguvu n’ishaka kugira Ukraine ironke imfashanyo ikeneye.”

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, yasavye ko muri rusangi hoboneka amamiriyaridi 107 mu ma dorari y’Amerika, yokoreshwa mu kiringo c’imyaka 5, mu gushigikira Ukraine mu vya gisirikare.

Jens Stoltenberg, aha, yizera ko mu nama ngarukamwaka ya OTAN izobera I Washington, DC, mu kwezi kw’indwi, hazoshobora kuboneka amasezerano azotuma ayo mafaranga aboneka.

Uyu musi kandi, Uburusiya bwavuze ko icuka kiri hagati yabwo na OTAN, kigeze ku rwego rwo guhangana bitari ivyo mu majambo.

Forum

XS
SM
MD
LG