Umurwi w’insore muri Sudani y’Epfo wateye wongera urarasa abantu 12. Inyuma y’ico gitero abana cumi na batanu, ntibaratorwa gushika ubu. Ivyo bibaye mu gihe uruhagarara rutera rwiyongera kandi igihugu cimirije amatora.
Muri ubwo bwicanyi bwabaye ku musi w’Imana, abasore bateye ikigwati ca Ajwara mu gacimibiri ka Pibor Pochalla.
Abraham Kelang, umushikiranganji ajejwe amakuru mu ntara ya Pibor yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ko abantu 12 bishwe, abandi 10 barakomereka. Yavuze kandi ko benshi mu bishwe bari abantu bageze muza bukuru kandi ko hari n’ibitungwa vyibwe.
Komiseri w’imfatakibanza w’agacimbiri ka Pibor yabwiye ibinyamakuru ko abagize ico gitero bava mu bwoko bw’aba Murl,e kandi bikekwa ko ari bo banyuruje abana cumi muri 15 bo mu bwoko bw’aba Anyuak, irengero ryabo, ritazwi.
Intambara ya gisivile yabaye hagati y’umwaka w’ 2013 n’uw’2018 muri ico gihugu yarahitanye abantu ibihumbi amajana n’amajana. Naho imirwi ikomeye yagwana ico gihe, ubu yashize ibigwanisho hasi, intambara hagati y’imirwi yitwaje ibigwanishho irabandanya.
Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko ubwicanyi bwiyongeye muri iki gihe bufise isano n’amatora yimirije, yo kwihitiramwo abategetsi bashasha mu mugambi wo gukura igihugu mu ntwaro mfatakibanza.
Forum