Uko wahagera

Mali: Abatavuga Rumwe na Reta Basaba Itunganywa ry'Amatora ya Prezida


Bamwe mu basirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali
Bamwe mu basirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali

Imigambwe itavuga rumwe na reta muri Mali, yasavye ko hashirwaho ikirangamisi c'amatora y'umukuru w'igihugu. Ni inyuma y'uko abategetsi b'abasiriklare bayoboye igihugu badatunganije amatora mu kiiringo mfatakibanza c'amezi 24 bari bemeye co gusubiza igihugu mu nzira ya domokrasi.

Mw’itangazo yashikirije hamwe ku musi w’Imana urangiye, imwe mu migambwe itavuga rumwe na reta n’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu muri Mali vyasavye abategetsi gushiraho ikirangamisi c’amatora mu buryo bwihuta bushoboka.

Iyo migambwe n’ayo mashirahamwe vyatangaje ko bizokoresha uburyo bwose bwemewe n’amategeko mu ntumbero yo kugarukana igihugu mu nzira ya demokrasi. Ntaco abategetsi b’abasirikare bayoboye igihugu barishura ku vyatangajwe n’iyo migambwe hamwe n’ayo mashiraamwe.

Abategetsi b’abasirikare bayoboye Mali barananiwe kwubahiriza umuhango bari bahaye abanyagihugu wo gukoresha amatora mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2022.

Ivyo vyaratumye ishirahamwe ryo gufashanya mu butunzi ry’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, rifatira ibihano bikomeye Mali.
Ishirahamwe CEDEAO ryaragerageje kuganira ku vyerekeye kugarukana Mali mu nzira ya demokrasi. Yamara amareta mfatakibanza atandukanye muri ico gihugu ntiyashatse kwihuta gushira iuyo mugambi.

Muri Mali, abategetsi b’abasirikare bayoboye Mali bafashe ubutegetsi muri kudeta ya kabiri yabaye mu mwaka w’i 2021. Mu nyuma y’aho baremeye kugarukana Mali mu nzira ya demokrasi. Amatora yari ategekanijwe kuba mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka, ariko ntazoba. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG