Uko wahagera

Abajejwe Umutekano w’Inzuzi mu Bugiriki Batabaye Abantu 74


Abajejwe umutekano w’inzuzi mu Bugiriki batabaye abantu 74 bari mu bwato bwakozwe mu mbaho mu mw’ibahari Mediterane.

Abategetsi muri ico gihugu bavuga ko ubwo bwato bwari buri hagati y’akarere k’uburaruko bwa Afrika n’ubumanuko bwa Buraya. Bavuga kandi ko batwaye abo bantu barokoye kw’izinga rya Crete.

Nta biramenyekana neza igihe abo bantu batangura urugendo rwabo, canke ibihugu baje baturukamwo.

Akarere k’ubumanuko bw’izinga rya Crete kamaze amezi atari make kakira ingenzi nyinshi.

Ubugiriki ni igihugu abantu benshi bacamwo mu ngendo zabo zo kwinjira mu bihugu vya Buraya, bahunze intambara n’ubukene mu bihugu vy’Abarabu, Afrika na Aziya.

Bamwe muri izo ngenzi bariha imirwi y’abagizi ba nabi amafaranga ashika ku bihumbi bitanu vy’amadolari y’amanyamerika kuri umwumwe.

Forum

XS
SM
MD
LG