Uko wahagera

Ukraine Yemeza ko Yakoroye Utudege 3 tw'Uburusiya


Igisirikare ca Ukraine catangaje ko cakoroye utudege tw’Uburusiya tubiri kuri dutatu tutagira abadereva twari turungitswe gukora ibitero mw’ijoro ryakeye kuri no musi wa mbere.

Ayo makuru ntiyatomoye neza ikibanza ibitero vy’utwo tudege tutagira abadereva vyabereye, canke ko hari icononekaye ku ndege igira gatatu.

Mu karere ka Belgorod ku mupaka wa Ukraine n’Uburusiya, ubushikiranganji w’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwatangaje ko bwatesheje ibitero vy’indege za Ukraine zibiri zitagira abadereva.

Vyacheslav Gladkov, buramatari w’ako karere ka Belgorod, yavuze ko isoko ry’umuyangankuba ku rugo rw’umuntu ryononekaye n’ibisigarira vy’indege za drone zibiri zakorokeye mu kigwati ca Dolgoye.

Kuri uno musi wa mbere kandi, umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Ukraine, Mykhailo Podolyak, yavuze ko intambara itera ikomera mu gihe Uburusiya bubandanya kwongereza uburyo mu bitero vyabo. Avuga kandi ko iyi ntambara ata yindi nyishu yayo atari mu rwego rwa gisirikare.

Umuhanuzi wa Prezida Volodymyr Zelenskyy yasavye ibihugu bicuditse na Ukraine guha iyindi mfashanyo ya gisirikre igihugu ciwe kugira bashobore guhangana n’Uburusiya.

Forum

XS
SM
MD
LG