Abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetgsi muri Turukiya, baratsinze bikomeye mu matora yo mu nzego zo hasi yabaye, ku musi w'Imana urangiye.
Muri iki gihe ibice 90 kw’ijana vy’amajwi amaze guharurwa umukuru w’igisagara ca Istambul, Ekrem Imamoglu, afise ibice 50 kw’ijana vy’amajwi mu matora muri ico gisagara kiza ubwa mbere mu bunini mu gihugu.
Umugambwe wiwe waragumanye kandi igisagara ca Ankara, wongera ugumana ibindi 9 mu ntsinzi zikomeye watahanye.
Uwo muyobozi, Imamoglu, yarashimiye abantu intsinzi bari buzuye ikibanza kiri hanze y’icicaro c’umugambwe wiwe mu gisagara ca Istambul.
Ekrem Imamoglou yagize ati: Igihugu ubwaco ni co gitanga amategeko, si umuntu umwe ku giti ciwe. Abategetsi bahabwa amategekeo n’igihugu. Igihe c’intwaro ishimiye ku muntu umwe carangiye. Repuburika na demokrasi vyasasagaye mu gihugu cose kuva kuri uno musi.
Amatora yo ku musi w’Imana urangiye yerekanye ko Prezida Recep Tayyip yarushijwe cane mu bitari bwibokekeze imbere mu kiringo c’imuyaka irenga 20, uyo mugambwe wiwe wari umaze ku butegetsi.
Abitegereza ibintu n’ibindi bavuga ko bishobora kuba ari ikimenyetso c’uko ibintu biriko birahinduka muri politike y’igihugu va Turkiya.
Mw’ijambo yashikirije abamushigikiye ku cicaro c’umugambwe wiwe ku murwa mukuru wa Turkiya Ankara, Erdogan yaremeye ko umugambwe wiwe watsinzwe kandi yaremeye kwubahiriza ivyavuye mu matora.
Recep Tayyip Erdogan yagize ati: Tuzokwubahiriza ingingo yafashwe n’abanyagihugu ku musi w’Imana urangiye. Nta ngingo tuzofata ziteye kubiri n’ivyipfuzo vy’abanyagihugu. Tuzobandanya twubahiriza ivyo abanyagihugu ubwabo bahisemwo.
Ryari irya mbere abanyaturkiya bagera ku miliyoni 6, harimwo abarenga umuliyoni, batora, bari bemerewe gutora mu bisagara vyose bigize igihugu. Abitavye amatora yo ku musi w’Imana bagera ku bice 76 kw’ijana hisunzwe itororkansirizo ry’amakuru rya reta, Anadou. Mu mwaka urangiye bari ibice 87 kw’ijana. (VOANEWS)
Forum