Uko wahagera

Perezida w'Amerika n'Uwa Turukiya Bazahurira i Washington DC mu kwa Gatanu


Prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan na Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, bazobonana, kw'italiki 9 y'ukwezi kwa gatanu i Washington DC.

Abategetsi ba Turkiya bemeje iyo nkuru kuri uyu wa gatanu. Buzoba bubaye ubwa mbere, abo bategetsi bompi bahura mu ngoro ya Prezida Biden. Maison Blanche.

Mu kwezi kwa mbere, Reta ya Biden yaremeye kugurisha kuri Turkiya indege z’ingwano zo mu bwoko bwa F-16 z’agaciro k’imiliyaridi 23 y’amadolari. Hari inyuma y’uko Turkiya ishigiye iyinjizwa ry’igihugu c’Ubuswede, mw’ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN.

Bamwe mu bitegegereza ibintu n’ibindi, bavuga ko abategetsi ba Turkiya bari babangiye gufata iyo ngingo kubera Prezida Erdogan yari yashavuriye Reta ya Amerika avuga ko ishigikiye Israyeri, hamwe n’uburyo Israyeri iriko ivyifatamwo mu ngwano n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza.

Prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, ni umwe mu bategetsi b’ibihugu vy’Abayislamu banebagura bikomeye cane ukugene Israyeri iriko ivyifatamwo inyuma y’ aho umurwi Hamas wakoze ku butaka bwa Israyeri kw’itaki 7 y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023. Yagereranije umushikiranganji wa mbere wa Israyeri na Adolf Hitler. Yaragirije kandi Amerika ko ishigikiye ihonyabwoko avuga ko ririko rikorwa ku Banyapalestina. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG