Uko wahagera

CIJ Yategetse Isirayeli Kwugurura Ibindi Bice mu Ntara ya Gaza


Sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, kuri yu wa kane, yategetse Israyeri kwugurura ibindi bice vyo kwinjiriramwo mu ntara ya Gaza, kugira izindi mfashanyo zishobore gushikira Abanyapalestina baba muri iyo ntara, bishwe n'ikigoyi.

Iyo sentare yategetse Israyeri gufata idatevye ingingo zose zikenewe mu ntumbero yo uburenganzira bwo gushikana imfashanyo za nkenerwa mu ntara ya Gaza ata ntambamyi, zirimwo ibifungurwa, amazi, ibitoro n’imiti,

Iyo sentare yetegetse kandi Israyeri gukora ibishoboka vyose kugira igisirikare cayo ntigikore ibikorwa birtyoza uburengenzira ubwaribwo bwose bw’Abanyapalestina baba mu ntara ya Gaza.

Sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane, iri i La Haye, mu Buholande, yabwiye Israyeri kwishura mu kiringo c’ukwezi, ku kugene iriko ishira mu bikorwa amategeko yayihaye.

Ntaco Israyeri iravuga ku ngingo ya sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane. Yamara yarahakanye yivuye inyuma ko iriko ikora ihonyabwoko mu ngwano imazemwo hafi y’amezi atandatu n’abarwanyi b’umurwi Hamas.

Israyeri yasavye iyo sentare guhagarika gutanga amategeko mashasha. Itegeko sentare mpuzamakungu ijejwe ubutungane yafashe, kuri uyu wa gatanu, rifatiye ku rubanza Afrika y’epfo yashingishije muri iyo sentare, aho yagirije Israyeri ko iriko ikora ibikorwa vy’ihonyabwoko mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG