Uko wahagera

Mali Yahagaritse Urunani rw'Imigambwe 30 Itavuga Rumwe na Reta


Bamwe mu basirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali
Bamwe mu basirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali

Reta ya gisirikare mari Mali yahagaritse ibikorwa vyose vy’urunani, Synergie d'action pour le Mali, ruhurikiyemwo imigambwe 30 itavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali, bavuze ko bafashe iyo ngingo kubera urwo runani rushobora kugumura abanyagihugu, rukabangamira n’umutekano w’igihugu.

Urunani, Synergie d'action pour le Mali, rwiyamirije ingingo ya reta ihagarika ibikorwa vyarwo vyose ku murwa mukuru, Bamako. Urwo runani rwavuze ko ari ingingo inyuranye n’amategeko, arimwo ayatanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro mu mwidegemvyo.

Urunani, Synergie d'action pour le Mali, rwavutse mu kwezi kwa kabiri. Runebagura akatari gake abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali. Rwemereye abanyagihugu ba Mali ko rufise imikenyuro yotuma ikibazo c’imirwi y’iterabwoba ishamikiye kuri Al-Qaeda n’intagondwa ziyitirira idini rya Isiramu gihera.

Ibikorwa vy’urwo runani bihagaritswe mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, riheruka kuvuga ko rihangayikishijwe n’ihagarikwa ry’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri Mali, arimwo ayakorera mu vy’intwaro ibereye n’amatora.

Forum

XS
SM
MD
LG