Uko wahagera

Kenya Yatanguye Gutanga Ibisigarira vy'Abazize Kwisonzesha "Kugira Babone Yezu"


Bamwe mu babuze ababo
Bamwe mu babuze ababo

Muri Kenya, abajejwe intwaro batanguye gutanga ibisigarira vy’abahitanwe n’ukwisonzesha cane, bikabaviramwo urupfu.

Abisonzesha, babikoze ku busabe bw’uwitwa Paul Nthenge Mackenzie, yaswaganya ababwira ko kwisonzesha bizotuma babona Yezu, imbere y’umuhero w’isi yemeza ko uzoba mu kwezi kwa munani ko mu 2023.

Abagera ku 429 barimwo abana bari bamaze hafi umwaka bashinguwe mw’ishamba ryitwa Shakahola, aho baguye.

Uwitwa William Ponda, ari mu bambere baronkejwe ibisigarira vy’abiwe, yiruhukije agira ati: “ Vyotuma ko tubonye ibisigarira vyabo. Ariko, biranababaje kubona tubironse ari amagufa yigendera.” Ponda yahawe ibisigarira vya nyina, mwenewabo, muramukazi we n’umwishwa wiwe.

Ibipimo abaganga bakoze bagenzura icishe abayoboke ba Mackenzie, vyerekanye ko benshi muri bo bahitanywe n’inzara, abandi bicwa banizwe, bakubiswe, eka hari n’abandi bahitanywe no kubura impwemu.

Amatohoza yerekanye kandi ko hari n’abari bamaze imyaka myinshi bashinguwe muri iryo shamba.

Paul Nthenge Mackenzie ari mu mvuto. Yatawe muri yompi mu kwezi kwa kane ko mu mwaka uheze, inyuma y’umunsi umwe ibiziga vya mbere vy’abayoboke biwe bibonetse mw’ishamba.

Mu vyaha yagirizwa, harimwo iterabwoba n’imfu z’abana 191 barimwo impinja 3 bazize ubuswaganyi bwiwe. Ibi vyaha vyose arabihakana.

Ibisigarira vy’abantu 34 ni vyo vyonyene bimaze gutorwa. Haracaronderwa ibindi vy’abagera ku 390.

Reta ya Kenya yategetse ko ishamba rya Shakahola, rihinduka ikibanza co kwibukiramwo abahaguye, kugira inkuru ya banyakwigendera ntizozimangane.

Forum

XS
SM
MD
LG