Uko wahagera

Amajambo ya Prezida Ndayishimiye Arimwo ko Ifaranga ry'Uburundi Ringanya Agaciro n'irya Amerika Ntavugwako Rumwe


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi. Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi. Kw'itariki ya 10/05/2022

Umukuru w’igihugu c’Uburundi amaze iminsi ashikiriza amajambo adahurizwako na benshi cane cane abanyepolitike batandukanye, abaharanira agateka ka zina muntu, abanyagihugu hamwe n’abahinga.

Amwe muri ayo majambo, arimwo nkayo Prezida Evariste Ndayishimiye ashimangiramwo ko "Abarundi bose babayeho muri Paradizo, batunze kurusha abo mu bindi bihugu vya rutura nk'Ubushinwa na Amerika, ko Amerika ikoresha amazi avuye mu Burundi, ko ifaranga ry'Uburundi ringanya agaciro n'idorari ry'Amerika.

Ayo majambo arimwo kandi ayo yemezamwo ko umurima mwiza wa Edeni uvugwa muri Bibiriya wari mu Burundi, ko ubwato bwa Nowa buvugwa muri Bibiriya bwavuye/bwakorewe mu Burundi, imvura y'igihuhusi yarimwo imiyaga myinshi irabutwara, iza guhera bugeze muri Isirayeri, gutyo ababonye uruzi ruhari baca bibaza ngo ni Rusizi rwo mu Burundi.”

Mu yandi majambo yiwe ya vuba avugishije benshi ku mbuga ngurukanabumenyi, arimwo ayo aheruka kuvugira mu nama yakoranye n'abakozi b'igisagara ca Bujumbura, barimwo indongozi z’ico gisagara.

Muri iyo nama, Prezida Ndayishimiye yavuze ko indongozi muri rusangi zamunaniye agira ati:" Jewe, hari igihe mpora niyumvira none, abantu baserukira ubutegetsi baba bakwiye igihano citwa gute? Jewe narabuze igihano twobaha. Ubwo ntidukwiye kugarukana ikimoko c'Ababirigi? Erega ababirigi kugira baduforomate, bazanye ikimoko barakiduhushura duca turemera ivyo bavuga. Jewe ndazi ko uwobakubita inembo 20, ntimwosubira, mwoca muba sérieux,...."

Perezida Evariste Ndayishimiye. Iyi foto yafashwe kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye. Iyi foto yafashwe kw'itariki ya 10/05/2022

Ku bijanye n'umunezero Prezida w'Uburundi yavuze ko "abanyagihugu bo mu Burundi barimwo kubera ubuzima bwiza babayemwo", bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura baganiriye n’Ijwi ry' Amerika bavuga ko ataho bokura uwo munezero kubera "ubuzima buzimvye, ibiciro vy’ivyankenerwa nka vyose vyaraduze ibindi birimwo isukari n'igitoro bigakena.”

Na Prezida Ndayishimiye ubwiwe, aragwa akagaruka; mu ndwi iheze, mu nama yagiranye n'abari mu bushikiranganji bujejwe ubudandaji n'amahinguriro, yavuze ko ubutunzi bw'Uburundi bushobora gushika kuri zero, bugatuma abarundi bose bahunga.

Mu majambo yiwe, yagize ati: " Hari igihe mpora niyumvira, umunsi igihugu kizogira zero, mbega bizogenda gute? Ico kibazo nama nakibajije... Turi ibinebwe, n'ivyo igihugu cari gifise, turabinyonora, tugasabota. None umusi cashitse kuri zero, bizoca bigenda gute? Tuzoca duhunga twese. Urumva aba banyagihugu bose bahunze? Murumva uburemere bwavyo. Soma muri Bibiriya murabe ingene vyagenze. None ba Yakobo ntibomowe n'inzara? Ntibaciye baba abaja? Bene Isirayeri?"

Ku rundi ruhande ariko, ari imbere ry’abanywanyi b’umugambwe wiwe CNDD-FDD mu guhimbaza umunsi wahariwe abakenyezi bo muri uwo mugambwe, Perezida Evariste Ndayishimiye, yijeje Abarundi ko borema kuko amafaranga y’amarundi asigaye angana na mvamakungu, gutyo ko igihugu ciwe kitagikeneye n’imfashanyo.

Iyi mvugo, Frederiko Bamvuginyumvira yigeze gutunganya ubuzima bw’igihugu ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu arayinegura. Leonce Ngendakumana nawe, umwe mu nararibonye muri politike wo mu mugambwe Sahwanya Frodebu abona ko ayo majambo yerekana ukujegajeka kw’inzego.

Bamwe mu bakurikiranira hafi imvugo z’umukuru w’igihugu basanga imvugo abwira abanyagihugu atariyo abwira abategetsi. Léopold Sharangabo atwara ishirahamwe ACBDH/VICAR avyita kunyegeza umwotsi inzu iriko irasha.

Umwe mu basesanguriye Ijwi ry'Amerika, ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yavuze ko amajambo Prezida Ndayishimiye amaze imisi avuga ahesha amanota make abajejwe kumuhanura, kuko ubundi ata jambo yari abwirijwe kuvuga atateguye. Ku bw'uwo yasesanguriye Ijwi ry'Amerika, bamwe mu bamuhanura boba baramuvuniye akagohe, ariko yanka kubumvira.

Naho atadudurirako ngo avuge ko ako kagohe yakavuniwe, mu nama ku vy'ubukerarugendo iheruka kubera mu Burundi, Prezida Ndayishimiye ubwiwe yivugiye ati:" Jewe hariho umuntu, akuze, mu bijanye n'uburongozi, yigeze kumbwira ngo uhora uronka ivyo uvugisha abenegihugu gute? Ushikiriye abenegihugu uca uronka ivyo ubabwira, none ubironka gute? Nanje ndamubaza nti none wewe ntavyo woshobora? Nawe ati; jewe ntanditse ijambo, ndaryandike ndarisome, sinoronka ivyo ndababwira ntavyo noshobora".

Uwundi muntu wa kabiri wo mu biro vya Prezida Ndayishimiye yahaye amakuru Ijwi ry’Amerika ntashime ko amazina yiwe atangazwa, yemeza ko ibiro vyiwe biba vyamuteguriye amajambo mu ndimi zibiri, I Kirundi n’igifaransa, ariko ko “ Prezida Ndayishimiye afise ubuhinga bw’imvugo bwo kutavuga ivyanditswe vyose, yamara ko ivyashikiriza vyinshi bitaba vyateguwe n’ivyo biro. Yasiguye ko ari "nk’akabirya kerekana indongozi nziza."

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Prezida Ndayishimiye Yemeza ko "Ikimoko ku Ndongozi Cotuma Zinegura"
please wait

No media source currently available

0:00 0:07:12 0:00

XS
SM
MD
LG