Uko wahagera

Abantu Batatu Bagirizwa Urupfu rw'Abimukira Muri Espanye Bafashwe


Igipolisi ca Espanye cahagaritse abantu batatu bagirizwa urupfu rw’abimukira batanu.

Izo ngezi zishwe zihawe amategeko yo kuva mu bwato zigakorokera mu mikuba ikomeye y’ibahari Atlantike, igihe bari bageze hafi y’inkere ya Cadiz mu bumanuko bwa Esipanye, mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, rivuga ko abagabo babiri n’umugore umwe bari mu minwe y’igipolisi c’akarere ka Algeciras ku birometero 70 uvuye i Cadiz.

Bagirizwa kuba bategetse izo ngenzi kwita mu mazi yari arimwo umuyaga mwinshi kandi bari bazi neza ko izo ngenzi zose zitari zizi kwoga. Reuters yatangaje amakuru avuga ko abo bantu bafatiwe inkota ku mutwe, bategekwa kwita muri iyo bahari.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu ca Espanye buvuga ko abo bantu bakoze ivyo vyaha bakekwa kuba bari mu mugwi w’abagizi ba nabi, bari bafise intumbero yo kuzimanganya ubuzima bw’abanyamahanga hamwe no kubanyuruza.

Forum

XS
SM
MD
LG