Uko wahagera

Igihuhusi Filipo Mu Bumanuko Bwa Mozambike Cahitanye Abantu 5


Ico gihuhusi carasambuye amashule n’inzu abanyagihugu babamwo (Ifoto ya kera)
Ico gihuhusi carasambuye amashule n’inzu abanyagihugu babamwo (Ifoto ya kera)

Abantu batari musi ya bane barapfuye, uwundi umwe arakomereka mu gihuhusi ciswe Filipo cageramiye intara ya Inhambane, iri mu bumanuko bwa Mozambike.

Ico gihuhusi carasambuye amashule n’inzu abanyagihugu babamwo.

Mu bice ingenzi zigendera vya Tofo na Barra, vyegereye ibahari y’Ubuhinde imikuba y’amazi yarasambuye ubwato butari buke.

Mu bice bimwe bimwe amabarabara ntarengana. Abategetsi bo mu bice ico gihuhusi caciyemwo batangaje ko cageramiye umuyagankuba n’uburyo bwo guhanahana amakuru.

Igihuhusi Filipo kibandanya gusinzikaza intara ya Inhambane.

Ni mu gihe imvura irimwo imiyaga ikomeye ibandanya kugwa muri iyo ntara. Ingaruka z’igihuhusi Filipo ziza ziriko ziribonekeza ku murwa mukuru wa Mozambike Maputo, hamwe no mu bice biri mu micungararo yawo.

Forum

XS
SM
MD
LG