Uko wahagera

Isirayeri Yagavye Ibitero Vyahitanye Abantu Muri Gaza Na Libani


Umusirikari wa Libani hafi yaho Isirayeri yagavye ibitero
Umusirikari wa Libani hafi yaho Isirayeri yagavye ibitero

Igitero ca drone Isirayeri yakoze kuri uyu wa gatatu mu bumanuko bwa Libani cahitanye abantu babiri, harimwo umunywanyi w’umurwi Hamas.

Iyo drone yasambuye imodoka mu gisagara ca Tyre, hafi y’ibahari Mediterane.

Ibinyamakuru vya Reta ya Libani vyatangaje ko abishwe bava mw’ikambi y’ahitwa Rashidieh, bivugwa ko umurwi Hamas ukoreramo cane.

Igisirikare ca Isirayeri, catangaje kandi ko cakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu gisagara ca Khan Younis, kiri mu bumanuko bw’igihugu. Cavuze ko inteko zaco zirwanira ku butaka zakoze ibitero mu gice co hagati mu ntara ya Gaza. Ni mu gihe Isirayeri iriko igerageza kuzimanganya umurwi Hamas.

Mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, inteko za Isirayeri, zarishe Abanyapalestina babiri mu mihana y’ahitwa, al-Jib, hafi y’igisagara ca Yeruzalemu.

Ni inyuma y’uko igipolisi ca Isirayeri gitangaje ko umurwi w’Abanyapalestina 5 bariko batera amabombe kw’ibarabara rikuru. Izo nteko zarishe umuhungu w’imyaka 12 mu guhangana kwabereye mw’ikambi y’impunzi iri ku nkengera z’igisagara ca Yeruzalemu.

Forum

XS
SM
MD
LG