Uko wahagera

BAD Inegura Amadeni Afurika Ironka Ibanje Kugwatiriza Umutungo Kamere Wayo


Umuyobozi wa Banki y’Iterambere rya Afrika (BAD) Akinwumi Adesina.
Umuyobozi wa Banki y’Iterambere rya Afrika (BAD) Akinwumi Adesina.

Umuyobozi wa Banki y’Iterambere rya Afrika (BAD) aranegura amadeni ahabwa ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika, hakoreshejwe ingwati z’ubutaka bw’agaciro bw’ivyo bihugu.

Uwo muyobozi, Akinwumi Adesina, asaba ko ayo madeni ariko aratangwa ku ngwati z’ibitoro canke ubutaka bw’agaciro bukenerwa mu gukora amatelefone ngendanwa bihagarikwa.

Avuga ko ayo masezerano afasha Ubushinwa kwigarurira uturere dufise ubutaka bw’agaciro mu bihugu nka Congo, kandi ko ivyo bimaze gutuma ibihugu bitari bike muri Afrika bigwa mu kaga mu bijanye n’ubutunzi bwavyo.

Mu kiganiro n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika AP i Lagos muri Nijeriya mu ndwi iheze, Akinwumi Adesina yagize ati :“ Ni amadeni mabi. ica mbere kandi gikomeye ni uko atagaciro nyako gashobora gushirwa kuri ayo matungo.” Yongeyeko ati “Ufise ubutaka bw’agaciro canke ibitoro mu kuzimu, ubiha agaciro gute canke amasezerano yavyo azomara ikiringo kinini gute? Ni ikibazo.”

Umugambi wo gufatanya uburyo buzoboneka muri kazoza n’ubutaka bw’agaciro buzogurishwa hanze y’igihugu muri kazoza mu kuriha amadeni, vyama vyakozwe mu ntumbero yo kuronswa uburyo bwo kwubaka inyubakwa zirama. Vyongeye, birafasha abatanga ayo madeni kugira amahirwe menshi yo kuzoshobora gusubizwa amafaranga batanze.

Forum

XS
SM
MD
LG