Uko wahagera

Nta Gahengwe Ko Mu Kiringo Ca Ramazani Muri Sudani


Abasirikare ba reta basaba ko inteko ziyonkoye kuri reta zizwi kw’izina rya RSF ziva mu bice abasivile babamwo
Abasirikare ba reta basaba ko inteko ziyonkoye kuri reta zizwi kw’izina rya RSF ziva mu bice abasivile babamwo

Igisirikare ca Sudani ciyamirije agahengwe ko mu kiringo ca Ramazani mu rugamba kirimwo n'abiyonkoye kuri reta.

Jenerali Yasser al-Atta, aserukira igirikare c’igihugu, yatangaje ku buryo butomoye, ko ata gahengwe kazohaba mu kiringo ca Ramazani, kiretse hari ibibanje gushikwako.

Ivyatangajwe na Jenerali Yasser al-Atta, vyerekana ko ingwano hagati y’inteko za reta n’inteko zayiyonkoyeko, itariko irahagarara vuba.

Abasirikare ba reta basaba ko inteko ziyonkoye kuri reta zizwi kw’izina rya RSF ziva mu bice abasivile babamwo hamwe n’ivyo bahuriramwo.

Biri mu masezerano yashitsweko mu biganiro vyabereye mu gisagara ca Jeddah, muri Arabiya Sawudite mu kwezi kwa gatanu mu mwaka urangiye w’i 2023. Ivyatangajwe na Jenerali Yasser al-Atta vyerekana ko igisirikare ca reta kizokora ibishoboka vyose kugira amasezerano yapfunditswe n’amategeko vyubahirizwe

Yamara inzira y’amahoro iracarimwo ibibazo bikomeye. Inyishu y’inteko ziyonkoye kuri reta ku vyatangajwe n’igisirikare ca reta ntitomoye gushika ubu.

Utwigoro twabaye imbere y’aho two gufasha gushika ku masezeranso yo guhagarika ingwano muri Sudani ntaco twashitseko.

Forum

XS
SM
MD
LG