Uko wahagera

Amerika Isaba Hayiti Kwihutisha Gusozera Ikiringo c'Imfatakibanza


Abasirikare barasa abari mu myiyerekano muri Hayiti
Abasirikare barasa abari mu myiyerekano muri Hayiti

Reta zunze ubumwe z’Amerika isaba umushikiranganji wa mbere wa Hayiti, Ariel Henry, kwihutisha umugambi wo gusozera ikiringo c’imfata kibanza, hagatunganywa amatora azotuma haboneka inzego nshasha.

Hayiti imaze imisi mu mudurumbanyo n’umutekano muke biterwa n’abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho bavuga ko bashaka ko Ariel Henry ava ku butegetsi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’amakungu, Matthew Miller, yavuze ko akamo ka Amerika kadasiguye ko bamusavye gutanga imihoho canke bariko bamuhatira kuyitanga.

Miller, asigura ko ico Amerika yipfuza ari uko haboneka inzego zifasha ico gihugu kwitegurira inteko mvamakungu zizoza gukingira umutekano, kandi zigashobora no gufasha gutegura amatora yizewe na bose.

Igikorwa co kuzana inteko mvamakungu ziza gufasha guhangana n’imirwi y’abagizi ba nabi muri Hayiti catevye kuja mu ngiro, cemejwe na ONU mu mwaka uheze inyuma y’ubusabe bwa Ariel Henry.

Naho ata matariki aratangazwa ya ryari ico gikorwa kizotangura, Linda Thomas-Greenfield aserukira Amerika muri ONU yavuze ko hari icizere ko kigiye gutangura bidatevye, kuko intererano zabonetse gusumba uko ONU yari ivyizeye.

Jimmy Cherizier, atwara urunani ruhurikiyemwo inkozi z’ikibi zo muri Hayiti yagabishije ko biteguriye kurwanya izo nteko. Yabwiye abamenyeshamakuru ko bongereje ibirwansiho mu micuyngararo y’ikibuga c’indege gikuru co ku murwa mukuru, Hayiti Port-o-Prince agira ati: “ Umushikiranganji wa mbere Ariel Henri adatanze imihoho, amakungu akabandanya kumushigikira, bazoba bariko badusunikira mu ntambara, izohera habaye jenoside.’'

Henry yagiye ku butegetsi vy’imfatakibanza kandi bidaciye mu matora inyuma y’igandagurwa rya Prezida Jovenel Moise mu 2021. Yegeje inyuma amatora nkuko yari yaravyemeye, avuga ko umutekano muke uri mu gihugu utotuma haba amatora yizewe.

Ubu ari mw’izinga rya Amerika ryitwa Puerto Rico. Yagiyeyo avuye muri Kenya, aho yari yagiye gusozera amasezerano yo kurungika inteko z’ico gihugu muri Hayiti. Ntibiramenyekana nimba kudatahuka kwiwe ari ibiriko bimuvako canke yabuze inzira acamwo.

ONU ivuga ko kuva uno mwaka utangura, uruhagarara muri Hayiti rumaze guhitana abanyagihugu bababa 1200, abagera ku 700 barakomereka.

Abababa ibihumbi 36 ni bo bamaze guta izabo. Abatatangajwe ibitigiri barafashwe ku nguvu, abandi baranyuruzwa. Amabarabara yasambuwe ariko atuma abagira neza badashikana imfashanyo zirimwo imiti n’ibiribwa mu banyagihugu vyoroshe. (REUTERS).

Forum

XS
SM
MD
LG