Uko wahagera

Drone Za Ukraine Zasambuye Ubwato bw’Ingwano bw’Uburusiya


Amashusho yerekana ubwato Sergey Kotov
Amashusho yerekana ubwato Sergey Kotov

Igisirikare ca Ukraine, kuri uyu wa kabiri, catangaje ko ibirwanisho vyaco vyo kwivuna misile na za drone vyasambuye drone 18 kuri 22 Uburusiya bwari bwakoresheje mu bitero bwakoze muri Ukraine mw'ijoro ryashiriye kuri uyu wa kabiri mu kirere co mu ntara ya Odesa.

Oleh Kiper, Bulamatari w’iyo ntara, yavuze ko ata n’umwe yahasize ubuzima canke ngo akomereke muri ivyo bitero. Yamara yatangaje ko inyubakwa zitari nke zononekaye.

Ico gihe, drone zirwanira mu mazi za Ukraine zasambuye ubwato bw’ingwano bw’Uburusiya bwariko bugenzura amazi ari hafi y’ikigobe ca Krimeya. Abajejwe iperereza ry’igirikare ca Ukraine batangaje ko ubwo bwato bwitwa Sergey Kotov.

Ni co gitero Ukraine iherutse gukora ku bwato bw’ingwano bw’Uburusiya bukorera mw’ibahari yirabura.

Prezida wa Ukraine, Volodymr Zelensky, mw’ijambo yashikirije mw’ijoro ryo ku musi wa mbere, yatangaje ko abategetsi b’igihugu ciwe bazi ivyo Uburusiya buriko butegekanya gukora mu nyuma y’aho, ko yamara biteguye kwishura.

Prezida Zelensky yabitangaje inyuma y’inama zitari nke yagiranye n’abategetsi bakuru b’igisirikare n’iperereza mu gihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG