Uko wahagera

USA: Reta 15 Ziratora Abahiganwa mu Migambwe


Aha ni muri reta ya Massachusetts
Aha ni muri reta ya Massachusetts

Donald Trump yahoze ari prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yiteze gutsinda bikomeye uwo bahiganwa mu mugambwe w'Abarepublika, Nikki Haley, mu matora yo mu ntango, yabaye uno musi ku wa kabiri.

Amareta agera kuri 15 ariko arakoreshaa amatora ku bahiganirwa kuzaserukira imigambwe mu matora rusangi yo mu kwezi kwa 11. Ni umunsi uzwi nka "Super Tuesday", kubera abantu batora n'amajwi menshi aboneka ku musi umwe. Uyu wa kabiri ni umusi ukomeye cane w’amatora yo mu ntango muri Amerika. Donald Trump, yahoze ari Prezida wa Amerika, ari imbere kuva mu ntango, mu bahiganirwa guserukira umugambwe w’abarepublika. Biri uko naho muri iki gihe yagirizwa vyaha biitari mu masentare atandukanye

Ni yo yagenwa ubugira gatatu guserukira umugambwe wiwe mu matora y’umukuru w’igihugu, azosubira guhinganwa na prezida w’Umudemokrate ahari muri iki gihe, Joe Biden, mu matora rusangi. Vyitezwe ko Prezida Biden, atsinda ata kibazo amatora yo mu ntango y’abaserukira umugambwe w’abademokrate. Abahanuzi ba Trump batangaje ko biteze ko azokura mw’ihiganwa Nikki Haley mw’ihiganwa imbere y'itariki 19 y’uku kwezi, igihe bibiri vya gatatu vy’amareta bizoba yamaze gutora.

Amareta yatoye ni Alabama, Alaska, Arkansas, California, Colorado, Maine Massachusetts, Minnesota, North Carolina, Oklahoma, Tennessee, Texas, Vermont, Virginia, Utah, na Teritwari za Samoa. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG