Uko wahagera

Ibitero vy'Indege Vya Isirayeri Vyahitanye Abantu 17 Mu Bumanuko Bwa Gaza


Ingwano mu ntara ya Gaza iriko ibandanya mu gihe utwigoro two gushika ku masezerano yo hagarika ingwano turiko turaba.
Ingwano mu ntara ya Gaza iriko ibandanya mu gihe utwigoro two gushika ku masezerano yo hagarika ingwano turiko turaba.

Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa kabiri catangaje ko cakoze ibitero vy'indege z'ingwano mu karere ka Khan Younis, mu bumanuko bw'intara ya Gaza.

Abategetsi b’Abanyapalestina batangaje ko ivyo bitero vyakozwe mu gice citwa Hamad vyahitanye abantu batari musi ya 17.

Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko ibitero vyaco vyakozwe ku bibanza bikoreshwa n’abo kivuga ko bakora iterabwoba muri ico gice ca Hamad. Camenyesheje ko cahagaritse abarwanyi batari bake bo mu mirwi Hamas na Islamic Jihad bari binyegeje mu basivile.

Ingwano mu ntara ya Gaza iriko ibandanya mu gihe utwigoro two gushika ku masezerano yo hagarika ingwano turiko turaba.

Utwo twigoro turimwo ibiganiro biriko bibera mu gisagara ca Kayiro mu gihugu ca Misiri. Yamara igihugu ca Israyeri nticavyitavye. Ahubwo cagiriza umurwi Hamas kuba utatanze urutonde rw’amazina y’abo abarwanyi bawo bakigize imbohe mu ntara ya Gaza.

Umutegetsi akomeye wo mu murwi Hamas, kuri uyu wa kabiri, yabwiye abamenyeshamakuru ko kuba ata masezerano yapfunditswe ari amakosa y’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu.

Yavuze ko Reta y’Amerika, icuditse na Isirayeri, ari yo itegerezwa gukora ibishoboka kugira hafatwe ingingo. Icegera ca Prezida wa Amerika, Kamala Harris, ku musi wa mbere, yasavye umurwi Hamas kwemera ibiri mu masezerano yashikirijwe.

Ayo masezerano arimwo kurekura abo uwo murwi wagize imbohe. Vyotuma haba buno nyene agahengwe k’indwi zitandatu, imfashanyo zigenewe ababa mu ntara ya Gaza nazo zikiyongera.

Forum

XS
SM
MD
LG