Uko wahagera

Uburusiya Bubwira Ukraine Kwemera ko ari Iyabwo


Icegera c’umukuru w’akanama kajejwe umutekano mu Burusiya,
Dmitry Medvedev.
Icegera c’umukuru w’akanama kajejwe umutekano mu Burusiya, Dmitry Medvedev.

Uburusiya butangaza ko Ukraine ari iyabwo, gutyo bukavuga ko “ivyayo bibwirizwa gutaha imuhira mu Burusiya.”

Icegera c’umukuru w’akanama kajejwe umutekano mu Burusiya, Dmitry Medvedev, akaba na somambike wa prezida w’Uburusiya Vladimir Putin, mw’ijambo yavugiye ahitwa Sochi ari kumwe n’urwaruka, yagize ati: “ Umwe mu bategetsi ba Ukraine, yigeze kuvuga ko Ukraine itegukira Uburusiya! Ino mvugo ibwirizwa kuzimangana burundu. Ukraine ni iy' Uburusiya ijana kw’ijana”

Medvedev yigeze kuramutswa Uburusiya, yashimangiye ko ibikorwa vya gisirikare vy’Uburusiya muri Ukraine bibwirizwa kubandanya gushika abategetsi ba Ukraine bafashwe. Ukraine ntaco iravuga kuri ano majambo.

Amajambo ya Medvedev, afise uburemere bunini kuko ari mu bavuga bakumvirwa mu Burusiya. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ryasesanguye rivuga ko amajambo yiwe ashobora kuba yerekana umugambi w’Uburusiya wo kubandanya intambara muri Ukraine.

Akatari gake, Ukraine yagirije Medvedev na bamwe mu bategetsi bo hejuru mu Burusiya uruhara mu ntambara “Igamije kwigarurira Ukraine”. Ico gihugu cumvikanye kenshi kandi kivuga ko Ukraine itandukanye n’Uburusiya, abanyagihugu bayo bakaba batandukanye n’ab’Uburusiya.”

Medvedev ari ku ruhande rw’abategetsi b’Uburusiya badashigikiye ko haba ibiganiro vy’amahoro hagati y’Uburusiya na Ukraine. Avuga ko kugira habe ibiganiro, Ukraine ibwirizwa kubanza kwemera ico yita ukuri, ikemera koo yegukira Uburusiya.

Ikindi yavuze, ni uko imigenderanire y’Uburusiya na Amerika ari mibi gusumvya uko vyigeze kuba biri mu myaka ya za 62. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG