Uko wahagera

USA: Sentare Ntahinyuzwa Yagumije Trump Ku Rutonde rw'Abazokwitoza Muri Colorado


Donald Trump yahoze ari Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Donald Trump yahoze ari Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Sentare ntahinyuzwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuri uyu wa mbere, yahaye intsinzi ikomeye Donald Trump yahoze ari Prezida. Yamugumije ku rutonde rw'abazokwitoza muri Reta ya Colorado mu mabanga y'umukuru w'igihugu. Amatora ategekanijwe mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka.

Sentare ntahinyuzwa ya Amerika ifuse ingingo yari yafashwe na sentare ntahinyuzwa ya Reta ya Colorado yari yakuye Donald Trump ku rutonde rw'abazokwitoza muri iyo Reta, kubera ivyaha ivuga ko yakoze.

Abacamanza bose uko ari icenda muri sentare ntahinyuzwa y’igihugu bahinduye ingingo sentare ntahinyuzwa ya Reta ya Colorado yari yafashe kw’itariki 19 y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2023. Iyo ngingo yari yakuye Donald Trump ku rutonde rw’abanyapolitike bo mugambwe w’Abarepublika bazohiganwa mu matora yo mu ntango kuri uyu wa kabiri, mu mareta atari make atandukanye y’igihugu.

Hari inyuma y’uko iyo sentare isanze ingingo ya 14 yo mw’ibwirizwa shingiro ya Amerika itamurekurira gusubira kwitoza mu mabanga y’igihugu. Igice ca gatatu c’ingingo yahinduwe ya 14 yo mw’ibwirizwa shingiro ry’igihugu ivuga ko ata mukozi uwo ari we wese wa Reta ya Amerika yagize uruhara mu mugumuko wemererwa guhiganira canke kurangura amabanga yo mu rwego rw’iihugu rwo hejuru.

Yamara sentare ntahinyuzwa y’igihugu, mu ngingo yayo yatangaje ko amareta agize igihugu afise uburenganzira bwo gukumira abantu bari mu mabanga ya reta canke bariko bahiganirwa ayo mabanga, ku rwego rw’ayo mareta. Yamara ko ata bubasha ayo mareta afise, hisunzwe ibwirizwa shingiro, bwo gushira mu ngiro igice ca gatatu c’ingingo ya 14 yahinduwe y’ibwirizwa shingiro ry’igihugu ku vyerekeye amabanga ya reta yo ku rwego rw’igihugu, cane cane amabanga y’umukuru w’igihugu.

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa ya Amerika basanze inama nshingamateka ku rwego rw'igihugu ari yo yonyene ishobora gushira mu ngiro ingingo ya 14 yahinduwe y’ibwirizwa shingiro ry’igihugu ku bijanye n’abajejwe amabanga ya reta ku rwego rw’igihugu hamwe n’abahiganira ayo mabanga.

Forum

XS
SM
MD
LG