Uko wahagera

Igitero Muri Burkina Faso Cahitanye Abantu 170


Reta ya Burkina Faso ntigenzura hafi y’ica kabiri c’ubutaka bwayo
Reta ya Burkina Faso ntigenzura hafi y’ica kabiri c’ubutaka bwayo

Abantu hafi 170 barishwe mu ndwi irangiye mu buraruko bwa Burkina Faso. Iyo nkuru yatangajwe ku musi w'Imana n'umushikirizamanza wo mu ntara ico gitero cabereyemyo.

Aly Benjamin Coulibaly, umushikirizamanza wo mu ntara yo mu buraruko bwa Burkina Faso, yatangaje ko igitero co mu ndwi irangiye cabereye mu mihana yo mu ntara yitwa Yatenga iri mu buraruko bw’igihugu.

Yavuze kw’ico gitero cahitanye ubuzima bw’ abantu bagera kw’i 170 kw’italiki 25 y’ukwezi kwa kabiri kurangiye, yamara ntaco yavuze ku bagikoze.

Coulibaly yatangaje ko ibiro vyiwe vyatanguye itohoza, kandi vyasavye abanyagihugu gutanga amakuru yerekeye ubwicanyi bwo mu ndwi irangiye.

Reta ya Burkina Faso ntigenzura hafi y’ica kabiri c’ubutaka bwayo. Ni mu gihe imirwi yitwaje ibirwanisho yasinzikaje ico gihugu mu kiringo c’imyaka itari mike.

Burkina Faso iriko irwanya umugumuko w’abarwanyi b’abayislamu mu buraruko no mu buseruko bw’igihugu. Imirwi y’abarwanyi, imwe ikorana n’imurwi al-Qaida na ISIS. Kenshi iyo mirwi ikora ibitero mu bibanza bibamwo abasivile, n’ibibamwo abasirikare.

Ubwicanyi muri Burkina Faso bumaze guhitana abantu bagera ku 20.000 mu gihe bwatumye abantu barenga imiliyoni zibiri bahunga ico gihugu kiri mu bikenye cane vyo mu karere ka Sahel harangwa n’umutekano muke.

Forum

XS
SM
MD
LG