Uko wahagera

Uburusiya Buragabisha OTAN ko Bushobora Kuyikorako Ibitero


Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yagabishije ibihugu vyo mu burengero ko reta yiwe ishobora gukora ibitero ku matungo yavyo.

Uyu musi ku wa kane, Putin yavuze kw’ibihugu bikomeye vyo mu burengero bw’isi, bishora gutuma haba ingwano y’ibigwanisho ruhonyanganda, “ Nukelyeri’, mu gihe vyorungika abasirikare bavyo muri Ukraine gufasha ico gihugu. Yavuze ko reta yiwe ifise ibigwanisho nk’ivyo bishobora kurasa ku matungo y’ivyo bihugu.

Iyo ngwano yo muri Ukraine yaratumye imigenderanire hagati y’Uburusi n’ibihugu, vyo mu burengero bw’isi, yari yantaguye gutosekara kuva mu 1962 habaye uruhagara rutewe n’ibibazo vya Misile, Uburusiya bwari bwashize muri Cuba, hafi ya Reta Zunze Ubumwe za Amereika:

Si ubwa mbere Putin agize, ico avuze ko hashobora kuba ingwano hagati y’ishirahamwe ryo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi ryishinze kugwaniriza umwansi hamwe NATO hamwe n’Uburusiya, yamara bubaye ubwa mbere uyu musi wa kane avugira ahabona ivyerekeye ibigwanisho ruhanyanganda vya Nukleyeri.

Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka, Putin afise imyaka 71 muri iki gihe, yasubiye gutangaza ibirego yama yashikirije ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi, bifise imigambi yo guca intege igihugu ciwe no kukibuza gutera imbere. Yagabishije avuga kw’ivyo bihugu bidategera ingruka mbi zisobora guterwa n’inyifato yavyo yo “ Kwisuka mu biraba igihugu ciwe.”

Muri iryo jambo ashikirije imbere y’amatora azi neza ko azotsinda, ategekanijwe kuva kw’igienererzo rya 15 gushika kw’igenekerezo rya 17 ry’ukwezi kwa gatatu, yashimagije intambwe igihugu ciwe cashitseko ku bijanye n’ubwinshi bw’ibigwanisho ruhonyanganda vya Nukleyeri. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG