Uko wahagera

Amasezerano y'Uburundi n'Uburusiya mu vyo Gucukura Uranium Ntavugwako Rumwe


Ishusho ngereranyo y'ahacukurirwa ubutare bwa Uranium
Ishusho ngereranyo y'ahacukurirwa ubutare bwa Uranium

Ingingo yo gucukura ubutare bwa Uranium mu Burundi buzohingurwamwo umuyagankuba bikozwe n’ishirahamwe ry’Abarusiya nk’uko biri mu masezerano aherutse guterwako igikumu hagati y’ibihugu vyombi ntivugwako rumwe haba mu bagize inama nshingamateka ndetse n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi..

Amasezerano yo kwimba ubutare yaramaze guterwako igikumu nk’uko ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubutare n’agataka buherutse kubishikiriza inama nshingamateka y’Uburundi kugira ngo yemezwe.

Ari mu nama nshingamateka mu kwezi guheze, umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka, Ir.Ibrahim Uwizeye yashikirije ko ubwo butare buzofasha mu kuronka umuyagankuba urengeje ukwiye mu gihugu.

Ikindi ni uko uwo muyagankuba uzoca unafasha mu kwimba ubutare bwa Nikere, n'ubundi butunzi buri munsi y'agataka, Uburundi bufise. Aha berekanye ko impamvu butahora bwimbwa ari uko ata muyagankuba ukwiye Uburundi bwari bufise.

Yamara kandi umushikiranganji yasiguye ko Uburundi budafise uburenganzira bwo kwimba ubutare nk’uko amasezerano mpuzamakungu abigena.

Umuyagankuba utegekanywa gutangwa n’iyo sosiyete y’Abarusiya izoza kwimba ubutare bwa Uraniyumu uzoba uri ku rugero rwa megawate 50,100 na 250 nk’uko vyatangajwe n'umushikiranganji abijejwe.

Yerekanye ko impungenge z'uko bashobora gufata ubwo butare bakabukoramwo ibindi bikoresho bitemewe n'amategeko, ko bazobikwirikiranira hafi. Yamara naho biri uko, harimwo impungenge nyinshi kuri abo Barusiya bazoza kwimba ubwo butare mu Burundi, zerekanywe n'abashingamateka.

Izo na zo zirimwo kuba ubutare bwo mu rugero rwo hejuuru, mbere bashobora kubutwara, bakabasigira ubutare bwo mu rugero rwo hasi kuko Uburundi butabanje kwiga no kumenya ubutare buri mu bibanza bizwi ko birimwo ubutare uko bungana.

Ikindi bamwe mu bashingamateka babajije ni ukuba Uburundi bwiteguye gukingira ubuzima bw'abanyagihugu kuko guhingura ubutare bishobora guteza indwara zitandukanye zirimwo na kanseri.

Si abashingamateka bonyene berekana impungenge ziri mu masezerano yateweko igikumu hagati y’ivyo bihugu vyompi. N'ishirahamwe OLUCOME rivuga ko uko kwimba ubutare bigatanga inyungu ku Burundi bitizewe neza kuko hari n’ayandi mashirahamwe yo mu bihugu mvamakungu yagiye aza kubikora ariko bikaboneka ko hari izindi nyungu babifisemwo.

Ishirahamwe Olucome ryishinze kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta rihera ryerekana ko mu gihe cose ibikorwa bizotangura hari ibitarasobanuka neza, ari ho hashobora kwibonekeza ikibazo gisanzwe caramunze Uburundi co kuba hari akarwi k’abantu kazokwihagira umutungu uzova muri ubwo butare, bigaherera mu masezerano gusa.

Gushika ubu, ibihugu vyemerewe guhingura ubutare bukungahaye ni 6 kw’isi hose. Ivyo ni Uburusiya, Ubufaransa, Kanada, Ubuyapani n’Ubwongereza na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Uburundi bukaba bwisunze igihugu c’Uburusiya kuko butemerewe kwimba no guhingura ubutare. Bamwe mu bavugira abanyagihugu mu Burundi bavuga ko biramutse bikozwe neza uyo muyagankuba ukaboneka yoba ari inkuru nziza ku Burundi mu bijanye n’iterambere.

Forum

XS
SM
MD
LG