Uko wahagera

Uburusiya Bwatanze Ikiziga c'Umunyepolitike Navalny


Nyina wa Navalny kumwe n'uwumwunganira mu mategeko
Nyina wa Navalny kumwe n'uwumwunganira mu mategeko

Umuryango w’Umuhisi Alexey Navalny, atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburisiya waronse ikiziga ca nyakwigendera.

Ikigo cishinze kurwanya ibiturire, Navalny Anti-Corruption Foundation, kikaba canitiriwe Umunyepolitike Navalny atavuga rumwe n’Uburusiya, catangaje ano makuru kivuga ko umuvyeyi wa Navalny yaronkejwe ikiziga c’umuhungu wiwe uno munsi ku wa gatandatu.

Ico kigo cashimiye “abokeje igitutu” ubutegetsi bw’Uburusiya, biciye mu nyandiko n’ubutumwa bwa videwo. Umuryango wa Navalny uronse ikiziga ciwe inyuma y’indwi wari umaze ugisaba.

Abajejwe kumenyesha amakuru muri fondasiyo yasize, bavuze ko bitaramenyekana ryari imihango yo kumushingura izoba. Ku rubuga rwa X, Ikigo ca Navalny kibandanya candika ko “ kitazi nimba ubutegetsi bw’Uburusiya buzokwemera ko umuryango ushingura uwabo nkuko uvyipfuza, mw’iteka rimubereye”

Nyina wa Navalny, Lyudmila Navalnaya, ejo ku wa gatanu yari yavuze ko ubutegetsi bw’Uburusiya buriko bumutera ubwoba kugira ateshwe ate, umuhungu wiwe ahambwe aho bwipfuza. Umwe mu bakoze amatohoza, yari yamuburiye ko atemeye ivyo asabwa, umwanya uriko uramujana kuko umubiri w’umuhungu wiwe “ uriko urabora.”
Lyudmila Navalnaya, yitwariye abategetsi bari banse kumuha ikiziga c’umuhungu wiwe. Urubanza ruzokwumvirizwa itariki ya 4 y’ukwezi kuza kwa gatatu.

Navalny yaguye mw’ibohero yari apfungiwemwo mu Burusiya igenekerezo rya 16 za kuno kwezi kwa kabiri. Raporo abaganga bahaye umuryango wiwe ivuga ko yahitanywe n’urupfu rusanzwe. Impande zitandukanye zirimwo umuryango wiwe n’amashirahamwe yigenga zemeza yamara ko yagandaguwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya. Ni ivyagiriji Uburusiya buhakana.

Umupfakazi wa Navalny yiyemeje kubandanya urugamba rw’umugabo wiwe, yavuze ko abategetsi b’Uburusiya bahohoteye umugabo wiwe agihumeka, babandnaya kumuhohotera n’ubu yashengeye.

Forum

XS
SM
MD
LG