Uko wahagera

Papa Fransisiko Yasibije Amwe mu Manama Kubera Ibicurane


Umwungere wa Ekleziya Katorika, Papa Fransisiko, yasibije imibonano n’amanama yose yari afise uno munsi ku wa gatandatu.

Itangazo rigufi rya Vatikano rivuga ko Papa Fransisiko agwaye ibicurane bibayabaye. Mu bo yategekanya guhura nabo, harimwo abadiyakoni.

Inyuma y’itangazo ryo mu gatondo, umuvugizi wa Vatikano, Matteo Bruni, ku mugoroba yavuze ko bitaramenyekana y’uko igisabisho aremesha imisi yose ya Mungu citwa Anjelusi ejo azokiremesha.

Amagara ya Papa Fransisiko w’imyaka 87, amaze igihe agoyagoya. Mu mpera z’ukwezi kwa cumi na rimwe ko mu mwaka uheze, abaganga bamutegetse gusivya bimwe mu bikorwa vyiwe, birimwo amanama mpuzamakungu yari kwitabira, bivuye ku kibazo co guhema nabi.

Papa Fransisiko yarabazwe igice c’igihimba c’ihaha ryiwe. Ico gihe yari akiba muri Arjentine iyo yavukiye. Mu bihe vya hagufi Papa Fransisiko aherukira mu bitaro, harimwo ukwezi kwa kane ko mu 2023 aho yamazeyo iminsi itatu avugwa ingwara yo guhema nabi, ukwezi kwa kane ko mu 2023 aho yabagwa mu nda, mu 2021 naho yamaze iminsi 10 mu bitaro inyuma yo kubagwa amara.

Akatari gake, yagiye yumvikana avuga ko ari nka hamwe amagara yomukika ku buryo atagishobora kuzuza inshingano ziwe, yiteguriye gutanga imihoho nkuko Papa Benedigito wa 16 yasubiririye yabikoze.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu ndwi iheze yamara, yavuze ko amagara yiwe yifashe neza, ahakana ko atamugambi wo gutanga imihoho afise. Yishuye umumenyeshamakuru yabimubajije ati: “ Ndacahumeka”. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG