Uko wahagera

Umukuru wa EAC Yasavye Uburundi n'u Rwanda Kunagura Imigenderanire


Prezida w'Uburundi, kumwe n'uwa Sudani y'Epfo, atwara EAC muri iki gihe.
Prezida w'Uburundi, kumwe n'uwa Sudani y'Epfo, atwara EAC muri iki gihe.

Umukuru w'igihugu ca Sudani y'epfo, Salva Kiir Mayardit, akaba kandi ari nawe arongoye umuryango w'ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y'ubuseruko, yagendeye Uburundi aho yari aje mu rugendo rw'akazi.

Ni mu rukurikrane rw'ingendo ariko arakora mu bihugu bitatu vyo muri uyu muryango wa EAC ari vyo u Rwanda, Uburundi hamwe na Kongo bigaragara ko imigenderanire itifashe neza.

Mu kiyago c’aba bakuru b’ibihugu Salva Kiir wa Sudani y’epfo na Evariste Ndayishimiye, arongoye Uburundi, bavuganye ko hakwiye ishirwa mu ngiro ryihuta ry’ivyapfundikiwe i Nairobi bigaherekezwa n’ivyapfundikiwe i Luanda kugira ngo umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Kongo n’ihungabana ry’imigenderanire ntiritandukire ibindi buhugu vy’uyu muryango.

Muri urwo rugendo rw'akazi mu Burundi nk'Umukuru w'igihugu arongoye ishirahamwe ry'ibihugu bihurikiye mu muryango w’Afrika y'ubuseruko, Prezida Salva Kiir yakiriwe ku kibuga c'indege citiriwe Melchior Ndadaye isaha zitatu z’agatondo n'umushikiranganji ajejwe iyinjira ry'Uburundi muri EAC Gervais Abayeho.

Ku kirimba c'umukuru w'igihugu c'Uburundi, hazwi kw'izina ryo Kwa ntare, Salva Kiir yakiriwe na mugenzi arongoye Uburundi Evariste ndayishimiye. Umubonano w’abo bakuru bibihugu wabereye mw'iherero.

Mw’itangazo risozera urwo rugendo, ryasomwe n'umunyamabanga mukuru w'umuryango w'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko, Peter Matuki, rimenyesha ko abo bakuru b’ibihugu bashimangiye ko hakenewe ishirwa mu ngiro ryihuta ry’ivyapfundikiwe i Luanda mu gukinga ko umutekano ukomeza guhungabana birushirije mu buseruko bw’igihugu ca Kongo, ibihakwa gutuma iryo hungabana ry’umutekano ritandukira ibindi bihugu vy’uyu muryango ndetse n’imigenderanire yavyo.

Nkuko Peter Matuki yagize ati: «Ikindi abo bakuru b’ibihugu bavuganye nuko ibihugu bibanyi kandi bivukanyi, Uburundi n’u Rwanda, vyoshira mu ngiro ivyo vyiyemeza muvyo aya mareta abiri y’Uburundi n’u Rwanda yagiye arumvikana mu biyago vy’imigenderanire hagati yavyo ndetse no mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko. Gutyo, ibi bihugu bikareka imigenderanire ikabandanya haba hagati y’abantu, ibintu hamwe no mu bikorwa »

Umukuru w’iguhugu Salva Kiir Mayardit yagendeye Uburundi inyuma y’umunsi umwe akubutse mu Rwanda aho yabonanye na Prezida Paul Kagame. Ibiganiro vyabo vyibanze ku mutekano mu karere k’Afrika y’ibiyaga binini.

Ni mu gihe imbibe hagati y’Uburundi n’u Rwanda zugaye kuva kuwa 11 nzero 2024. Inyuma yo kugenderera Uburundi, Prezida Salva Kiir yakomereje mu gihugu cibanyi ca Kongo.

Forum

XS
SM
MD
LG