Uko wahagera

Umupfakazi wa Alexei Navalny Yiyemeje Kubandanya Igikorwa Ciwe.


Alexei Navalny, umupfakazi wa Alexei Navalny
Alexei Navalny, umupfakazi wa Alexei Navalny

Yulia Navalnaya, umupfakazi wa Alexei Navalny, umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na Reta y'Uburusiya yitavye Imana, ku musi wa gatanu w'indwi irangiye, yiyemeje ko azobandanya igikorwa ciwe.


Yulia Navalnaya, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko azi igituma Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yishe umugabo wiwe haraheze imisi itatu. Yagirije Prezida Putin ko yagize uruhara mw’iyicwa ry’umugabo wiwe. Akaba yiyemeje kubandanya igikorwa ciwe.

Navalnaya yavuze ko azomenyesha amakungu vuba impamvu Putin yishe Navalny. Yamara yatangaje ko ikintu gikuru bashobora gukorera Navalny n’abamushigikiye ari ukubandanya urugamba rwiwe. Yavuze ko bazobandanya kurwanira igihugu cabo. Akaba yasavye abashigikiye umugabo wiwe kwifatanya nawe muri urwo rugamba.

Alexei Navalny, umunyapolitike yari amaze igihe atavuga rumwe na Prezida Putin, yitavye Imana ari mu mu munyororo ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Yari afise imyaka 47. Umuvugizi w’ibiro vya Prezida Putin, Dmitry Peskov, yarahakanye ko hari uruhara na rumwe Reta y’igihugu ciwe coba caragize ku bijanye n’urupfu rwa Alexei Navalny. Peskov yatangaje ko icatumye Navalny apfa kitaramenyekana.

Umuryango wa Navalny n’abamushigikiye batangaje ko bemera ko yagandaguwe, bakaba bagirije abategetsi b’Uburusiya ko banse gutanga ikiziga ciwe kugira bahishe ivyemezo vyerekeye ukugene yapfuye.

Umupfasoni wiwe, Yulia Navalnaya yashikirije ijambo mu nama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya yo kuri uyu wa mbere, ku murwa mukuru w’Ububiligi, Bruxelles.

Forum

XS
SM
MD
LG