Uko wahagera

Ikibazo c'u Rwanda na Kongo mu Bivugirwa mu Nama y'Ubumwe bwa Afurika Igira 37


Ifoto rusangi y'abitabiriye inama rusangi igira 37 y'ubumwe bwa Afurika.
Ifoto rusangi y'abitabiriye inama rusangi igira 37 y'ubumwe bwa Afurika.

Inama rusangi igira 37 y’ibihugu n’ama reta bigize umuryango w’ubumwe bwa Afurika yatanguye kuri uno wa gatandatu I Addis Abeba muri Etiyopiya, ahari icicaro c’uwo muryango.

Ibibazo vy’ingezi birimburirwa muri iyo nama y’iminsi ibiri, birimwo imvururu zikwegwa no guhindura amabwirizwa nshingiro y’ibihugu bigize uwo muryango, itembagazwa ry’ubutegetsi mu bihugu bitandukanye vya Afurika.

Inama ya 37 y’ubumwe bwa Afurika irimburirwamwo kandi umutekano muke mu bihugu birimwo Republika ya Demokarasi ya Kongo, Sudani, Somaliya, akarere ka Sahel muri rusangi, Libiya, icuka kibi kiri hagati ya bimwe mu bihugu vy’ubumwe bwa Afurika, n’ imvururu za politike muri Senegali.

Ihindagurika ry’ibihe naryo nyene riri ku kirangamisi c’iyo nama, co kimwe n’ukwiga ingene Afurika yogira ijambo n’igihagararo ku rubuga mpuzamakungu na cane cane mw’ishirahamwe ry’ibihugu 20 bitunze gusumba ibindi kw’isi, G20, co kimwe n’ibindi bibazo bihanze isi birimwo intambara ya Hamas na Isirayeri.

Haruhande y’inama rusangi nyezina y’ubumwe bwa Afurika, ejo ku wa gatanu, harabaye inama yihariye ku kibazo c’umutekano ubandanya gutosekara mu buseruko bwa Kongo.

Mu bakuru b’ibihugu bitabiriye iyo nama ku mutekano wa Kongo, harimwo prezida wa Angola, João Lourenço, uwa Afurika y’Epfo, Cyril Ramaphosa, uwa Kenya, William Ruto, uw’u Rwanda, Paul Kagame, n’uwa Kongo, Felix Thsisekedi.

Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, naho inama yo ku mutekano wa kongo yabaye yamaze gushika I Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya, ntiyayitavye.

Abatari bake mu bakurikiranira hagufi politike y’akarere k’ibiyaga binini vya Afurika, babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, bavuze ko “prezida w’Uburundi atari akwiye gusiba iyo nama, mu gihe hari bamwe mu basirikare b’Uburundi bari muri Kongo.”

Ibiro vya prezida wa Kongo, bibicishije ku rubuga rwayo rwa X, rwahoze rwitwa Twitter, navyo vyavuze ko mu vyavugiwe muri iyo nama yihariye kuri kongo, harimwo ugusaba ibiganiro vyubaka hagati y’ u Rwanda na Kongo kugira icuka kibi kiri hagati y’ivyo bihugu kihave, ugusaba ko intambara mu buseruko bwa Kongo ihagarara bidatevye, n’ugusaba ko umurwi wa M23 urwanya ubutegetsi bwa Kongo uva mu bice wigaruriye.

Iradiyo mpuzamakungu yo mu Bufaransa, RFI, ivuga ko muri iyo nama, prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi, atarya umunwa mw’ijambo yafashe, yongeye kwagiriza u Rwanda gushigikira abarwanyi ba M23. Prezida w’u Rwanda yafashe ijambo inyuma y’uwa Kongo, nawe yiyamirje ivyo vyagiriji nkuko RFI ibandanya kubitangaza.

Ku rundi ruhande, Stephanie Nyombayire ajejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa prezida w’u Rwanda, yaciye ku masonga ivyo prezida Paul Kagame yavugiye mu nama ku vy'umutekano wa Kongo agira ati: Yatanze ubutumwa butomoye:

1. "U Rwanda ntiruzokwigera ruhigimanga canke ngo rusabe imbabazi igihe cose ruzoba ruriko rukingira umutekano w’abanyagihu barwo. Ntiruzokwigera kandi rubisabira uruhusha.”

2. “ Twabuze abantu barenga umuriyoni muri jenoside yakorewe Abatutsi. Nta kintu na kimwe canke umuntu n’umwe tuzemerera ko adusibiza muri ayo mahano.”

3. “ Ikibazo c’abarwanyi ba FDLR, n’ukuba hari bamwe muri bo bari mu gisirikare ca Kongo, FARDC, kibwirizwa gutorerwa umuti.”

4. “ Nta mpamvu yo gukomeza impaka n’abadahengeshanya kubesha.”

5. “ U Rwanda ruzobandanya na ntaryo kuyoboka inzira y’amahoro, biciye mu mategeko n’ingingo zumvikanyweko n’akarere.”

Umwe mu bari I Addis Abeba atashimye ko Ijwi ry’Amerika ritangaza imyidondoro yiwe, yatubwiye ko “igice ca kabiri c'inama yihariye ku mutekano wa Kongo cari gitegekanijwe kuba uno munsi ku wa gatandatu, kitabaye”

Mu kibanza c’igice ca kabiri c’iyo nama nkuko isoko ryacu I Addis Abeba ribandanya kubivuga, “prezida wa Angola, asanzwe ari nawe muhuza w’ubumwe bwa Afurika mu matati ya Kongo, yabonanye na prezida w’u Rwanda, Paul Kagame, hamwe n’uwa Kongo, Felix Tshisekedi. Imibonano y’abo bategetsi yabaye mu myanya itandukanye, kandi kari akanywababu.”

Hagati aho, hambavu y’ibibazo vyega Afurika ubwayo , inama igira 37 y’umuryango w’ubumwe bwa Afurika ivugirwamwo kandi intambara ya Hamas na Isirayeri. Umushikiranganji wa mbere wa Palestina, Mohammad Shtayyeh, ari mu bayitabiriye.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko ryabajije uburongozi bw’ubumwe bwa Afurika niba hari indongozi za Isirayeri zitabiriye iyo nama, nabwo bwishura buti: “ Isirayeri ntitwayitumiye. Ni ko biri.”

Ibindi bihugu bititabiriye inama igira 37 y’ubumwe bwa Afurika, ni Burkina Faso, Gabon, Nijeri, Mali, Gineya na Sudani. Ibi bihugu vyose biri mu bihano vy’ubumwe bwa Afurika, kubera kudeta zakozwe n’abasirikare batwara ivyo bihugu muri iki gihe.

Forum

XS
SM
MD
LG