Uko wahagera

ONU Igabisha ko Ibura ry'Ibifungurwa Rifise Ingaruka ku Batuye Isi


Aha ni muri Somaliya
Aha ni muri Somaliya

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Antonio Guterres, ejo ku musi wa kabiri yaragabishije bikomeye ko ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe n'ikibazo c'ibifungurwa, biriko bitera bigeramira kurushiriza amahoro kw'isi.

Mw’ijambo yashikirije mu rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe umutekano kw’isi mu gisagara ca New York, Antonio Guterres yaratangaje ko ibiza biterwa n’ihindagurika ry’ibihe bifise ingaruka mbi ku mwimbu w’ibifungurwa.

Ivyo na vyo bikaba bituma haba uruhagarara mu banyagihugu. Antonio Guterres yavuze ko ikibazo c’ibifungurwa kw’isi kiriko gituma benshi mu bantu bakenye kurusha abandi kw’isi bagira ishavu rikomeye. Ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe kiriko gitera gikomera kurushiriza, kandi ivyo bifise inkurikizi zikomeye cane. Umwaka urangiye w’i 2023 ni wo mwaka waranzwe n’ubushuhe bukomeye cane mu mateka.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU yatangaje ko ivyo bibazo vyompi bigeramiye umutekano. Guterres yasavye urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi guhangana n’ingaruka, ukubura kw’ibifungurwa, n’ibiciro bitera vyiyongera kurushiriza ku bifungurwa, biriko bigira ku mahoro n’umutekano kw’isi. Yatangaje ko ihindagurika ry’ibihe n’intambara ari vyo biriko bituma haba ikibazo c’ibifungurwa kw’isi.

Ishami ry’ishirahamwe ONU, rijejwe ibifungurwa n’uburimyi kw’isi FAO, ryatangaje ko bibiri vya gatatu vy’abantu imiliyoni 258 baba mu bihugu 58 vyo kw’isi, bageramiwe n’ikibazo gikomeye cane c’ibifungurwa, bivuye kw’ihindagurika ry’ibihe n’intambara. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG