Uko wahagera

Uburundi Butegekanya Gukuraho Igihano c'Umunyororo ku Bamenyeshamakuru


Irangabiye Floriane ni umumenyeshamakuru apfunzwe mu Burundi
Irangabiye Floriane ni umumenyeshamakuru apfunzwe mu Burundi

Reta y’Uburundi igiye gukuraho igihano co gufunga abamenyeshamakuru kubera amakosa y’umwuga wo kumenyeshamakuru. Inama nshikiranganji yari irongoye n’umukuru w’igihugu yaraye yemeje integuro yo gukuraho ivyo bihano.

Mu kibanza co gufungwa, reta itegekanya ko uwuzokora ikora ashobora guhanishwa ihadabu. Abamenyeshamakuru bamwe barashima, abandi bakagira amakenga.

Umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta, Jerome Niyonzima, ni we yasomye itangazo risozera iyo nama yakwirikiraniwe hafi n’abamenyeshamakuru kuko ibatezurira ku bihano vy’umwuga wabo.

Sendika y’abamenyeshamakuru yemewe n’amategeko mu Burundi, yakiranye umunezero iyo nkuru. Melchior Nicayenzi ni we aserukira imbere y’amategeko iyo sendika.

Ni urugamba rwatanguye mu mwaka w’2011, aho abamenyeshamakuru bahurikiye mu runani rwabo UBJ batangura imyiyerekano yo gusaba ko igihano co gupfunga abamenyeshamakuru cokurwa mw’itegeko rigenga uwo mwuga.

Kuva ico gihe, abamenyeshamakuru barenga 10 baramaze gupfungwa. N’aho ubutungane bwabagirije ibindi vyaha, abarekuwe co kimwe n’uwugifunzwe uyu munsi Floriane Irangabiye, bamye bataka batakamba ko bafunzwe bazira umwuga wabo.

N’ubu, iyo nteguro ntiha umwizero mwinshi Christine Kamikazi, ari mu bamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru IWACU bamaze umwaka urenga mu buroko, bakarekurwa mu mwaka w’I 2020.

Mugenzi we Elie Nibel Nibigira, akorera iradiyo Kazoza FM, yabwiye Ijwi ry’Amerika, ko muri iyo nteguro y’itegeko hakirimwo imitego itorohereza umwuga.

Ku bwa Nolis Nduwimana akorera iradiyo y’imico kama, iyubahirizwa ry’ayo mategeko ni yo igaruka ikaburabuza umwuga wo kumenyeshamakuru.

Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ rurimwo n’abahunze igihugu, rworwo rubona ko iyo nteguro ata kinini izozanira umwuga.

Iyo nteguro iracafise inzira ndende kuko umushikiranganji azotegura itegeko rihinyanyura iryari rihasanzwe ryo mu mwaka w’2018, rikarungikirwa inama nshingamateka imbere y’uko umukuru w’igihugu ariterako umukono.

Inama nshikiranganji yasavye abegwa n’ico kibazo bose, gutanga intererano zabo kugira itegeko rizosohoke ryubahiriza ubwigenge bwo kumenyeshamakuru no gushikiriza ivyiyumviro, imwe mu nkingi z’intwaro rusangi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG