Abanyafurika barimwo Abarundi n'Abanyarwanda bahungiye mw'izinga rya Mayotte basaba Ubufaransa kubakiza ico bita ihohoterwa n'agasomborotso bakorerwa n'abanyagihugu b'iryo zinga ryegukira Ubufaransa.
Abahaye amakuru Ijwi ry'Amerika, bemeza ko haheze indwi zibiri, barabana ay'ingwe n'abanyagihugu ba Mayotte.
Mu ndwi iheze, imishamirano yahuje abanyagihugu ba Mayotte n'izo mpunzi, yakomerekeyemwo abarenga 15, muri bo harimwo Abarundi, Abanyarwanda, Abanyekongo n'Abasomali.
Bamwe muri banyene amazu boba bariko barirukana abasanzwe babapangiye bakomoka muri Afurika.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe, yavuganye n'umwe mu Barundi baba muri Mayotte atashimye ko amazina yiwe atangazwa, amubwira uko ibintu vyifashe. Fyonda hasi wumvirize ikiganiro cose.
Ijwi ry'Amerika ryagerageje kurondera abajejwe inzego muri Mayotte kugira twumve ico bagona kuri iki kibazo, ariko twabakenye.