Uko wahagera

NATO mu Myimenyerezo ya Gisirikare yo Kwiga Kwivuna Ibitero vy’“Abakeba nk’Uburusiya”


Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero vyishinze kwivunira umwansi hamwe, OTAN, ryaraye ritanguye imyimenyerezo ya gisirikare.

Iyi myimenyerezo ya OTAN ni yo ikaze gusumba iyindi yose yakurikiye "Guerre Froide " (imishamirano hagati y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi n’icahoze citwa ubumwe bw’abasoviyete).

Ubwato bw’intambara bw’Amerika, buriko ibendera ry’Amerika, bwahagurutse ejo ku wa gatatu. Buzoca mw’ibahari ya Atlantike, buje mu bihugu bitandukanye vya Buraya biri muri OTAN.

Ishirahamwe rya OTAN/NATO, rivuga ko muri rusangi imyimenyerezo izoba irimwo abajejwe umutekano bagera ku bihumbi 90. Hazokoreshwa ubwato bw’intambara bugera ku 50, indege zigera ku 80, n’ibiduga vy’ingwano birenga 1100.

OTAN ibandanya kuvuga ko imyimenyerezo izomara ukwezi kose, izoba igamije gupima inguvu n’ububasha bwo kwivuna umwansi, ariko na cane cane kwerekana ubumwe buri hagati y’abanyamuryango ba NATO, inguvu z’ibihugu bigize iryo shirahamwe, n’ishaka ryo gukingiranira umutekano.

NATO isigura ko imyimenyerezo inagamije no kwiga ingene ibihugu 31 biyigize vyo kwivuna ibitero vy’abo NATO yita “Abakeba nk’Uburusiya”.

Imyimenyerezo izobera mu mazi, mu kirere, no kubutaka. Izobera mu mihingo itandukanye yaba iy’Amerika yo mu buraruko, eka ibere no mu bihugu biri muri NATO bifise imipaka yegeranye n’iy’Uburusiya.

Forum

XS
SM
MD
LG