Umuyobozi mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ajejwe ibibazo vya politike mpuzamakungu, Josep Borrel, yavuze ko uburyo Isirayeri iriko irakora ibitero kuri Hamas mu karere ka Gaza bigiye “gutuma haba urwanko muri ako karere mu kiringo c’imyaka myinshi cane”.
Borrel yabivuze mu nama zo kuruhande, imbere y’inama z’abashikiranganji b’iryo shirahamwe, yabaye kuri uno musi wa mbere. Iyo nama nyamukuru yahuza umushikiranganji wa Isirayeri Katz n’umutegetsi mukuru yaserukiye reta ya Palesitina, Riyad al Maliki.
Borrel yabwiye abamenyeshamakuru ati “Turazi neza ico Hamas iri, ivyo Hamas yakoze, turabinegura kandi tukavyiyamiriza”. Yongeyeko ati “Yamara, amahoro n’umutekano ntibishobora gutunganwa biciye m ubikorwa vya gisirikare, cane cane mu buryo bwa gisirikare buriko burakoreshwa.” Borrell ni umwe mu bategetsi bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bagiye baranegura uburyo abasivile bagenda barasiga ubuzima mu ntambara yo muri Gaza.
Ubushikirananji bw’amagara y’abantu muri Gaza butegekwa na Hamas bwatangaje ko Abanyepalestiniya barenga ibihumbi 25 bamaze kwicwa. Benshi muri bo bakaba ari abakenyezi n’abana. Yamara ubwo bushikiranganji ntibutomora igitigiri c’abasivile n’abagwanyi ba Hamas bari muri abo bishwe.
Forum