Umunyepolitike Ron DeSantis, yasokoroye akarenge mu murwi w’abarepublikane bariko bahiganira itike yo kugenwa nk’umukandida w’uwo mugambwe mu matora ya prezida w’Amerika y’uno mwaka.
Ron DeSantis, asanzwe ari buramatari wa reta ya Florida yafatwa nk’umwe mu bashobora kuzosumvya amajwi Donald Trump mu guhiganira itike y’ubukandida ku ruhande rw’abarepublikane.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa X rwahoze rwitwa Twitter, DeSantis w’imyaka 45 yavuze ko azoshigikira Donald Trump yahoze ari prezida w’Amerika.
Abasesanguzi basanga ingingo ya DeSantis yerekana ukuboko gukomeye Donald Trump agifise ku mugambwe w’abarepublikane. Ingingo ya DeSantis isigura kandi ko umukandida asigaye abangamiye Donald Trump mu mugambwe w’abarepublikane ari Nikki Haley, yahoze ari ambasaderi w’Amerika muri ONU.
Uwuzotsindira itike ryo guserukira abarepublikane mu matora ya prezida w’Amerika ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe k’uno mwaka, ashobora kuzoba ahanganye na Prezida Joe Biden ku ruhande rw’abademokrate: Prezida Biden ni we ahabwa amahirwe menshi yo kuzotahukana itike ryo guhagararira abademokrate mu matora y’uno mwaka.
Hagati aho, ibipimo bishasha ku co abarepublikane biyumvira kuri Donald Trump nka kandinda wabo mu matora, vyerekana ko ibice 70% bamushigikiye.
Uwuzokwegukana itike yo guserukira abarepublikane mu matora yimirije aha muri Amerika azomenyekana ku wa kabiri w’ndwi iza.
Forum