Uko wahagera

DRC: Fayulu na Katumbi Bahamagaje Imyiyerekano ku Munsi w'Irahira rya Tshisekedi


Kuri ino foto: Prezida Tshisekedi, Katumbi na Fayulu
Kuri ino foto: Prezida Tshisekedi, Katumbi na Fayulu

Babiri mu banyapolitike batavuga rumwe na reta ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo, bari biyamamaje mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka kuba mu mwaka uheze, basavye ko haba imyiyerekano kuri uyu wa gatandatu, igihe Prezida Felix Tshisekedi azorahira mu kiringo kigira kabiri co kuyobora Kongo.

Abo banyapolitike babiri batavuga rumwe na reta ni Martin Fayulu, wo mu mugambwe Engagement pour la Citoyennete et le Development”, na Moise Katumbi, wo mu mugambwe, Ensemble pour la Republique. Basavye ko amatora yabaye kw’itariki 20 y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2023, asubirwamwo. Abategetsi ba Reta ya Kongo barateye ivyatsi ivyasabwe n’abo banyapolitike babiri.

Moise Katumbi yatangaje ko bazokoresha imyiyerekano kw’italiki 20 y’uku kwezi kwa mbere kubera ko batemera ivyavuye mu matora vyatangajwe.
Katumbi yavuze koayo matora yabayemwo ubusuma, ko kubera izo mvo ategerezwa gufutwa. Katumbi yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru biciye ku mbuga ngurukanabumenyi. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG