Uko wahagera

Donald Trump Yaronse Amajwi Menshi muri Reta ya Iowa


Donald Trump yahoze ari Prezida wa Amerika, ni we yatsinze n’amajwi menshi amatora yo mu ntango y'uyumwaka w'i 2024 muri Reta ya Iowa.
Ni amatora hagati y'Abarepublikani bahiganirwa guserukira umugambwe w'Abarepublikani mu matora y’umukuru w'igihugu azoba muri Amerika mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka.

Ubukanye bukomeye cane bwaragize ingaruka ku gitigiri c’abitavye ayo matora. Ico gitigiri cari hasi muri uyu mwaka, umuntu akigereranije n’igitigiri cari hejuru cane mu mwaka w’i 2016.

Yamara ubukanye cane ntibwabujije Sark Moore kwitaba rimwe mu makoraniro ya nyuma ya Donald Trump yokwiyamamariza itora ryo muri Reta ya Iowa.

Ubwobukanye kandi ntibwamubujije guseruka ubwiwekugira ashigikire Trump mw’ijoro, itora ryabereyeko ku musi wa mbere.

Donald Trump yarashimiye abamutoye agira ati: Dushaka gushimira abanyagihugu ba Iowa. Mwakoze cane, kandi turabakunda mwese.

Uwundi murepublikani yahiganywe mw’itora ryo muri Reya ya Iowa, Ron Desantis yarangije mu kibanza ca kabiri imbere y’uwundi munyapolitike yahiganywe iryo tora yo muri Iowa, Nikki Haley, yahoze ari ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwempuzamakungu, ONU.

Uwundi munyepolitike yahiganywe, Vivek Ramaswamy, yarangije mu kibanza ca kane, yaravuye mw’ihiganwa. Akaba yaciye ashigikira Donald Trump.

Bompi abademokrate n’Abarepublikani baritabaamatora yo muri Reta ya Iowa umwe umwe wese kuruhande rwiwe. Yamara Abademokrate bashimikiyecane ku matora yo mu ntango yo muri Reta ya Carolina yo mu bumanuko azoba mu kwezi kwa kabiri kw’uyumwaka. Ni yo matora ya mbere akomeye yo mu ntangoazoba abaye kuri bo. (VOANEWS)


XS
SM
MD
LG