Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, kuri uyu wa kane, yagabishije ko guhagarika gufasha igihugu ciwe kwivuna ibitero vy'Uburusiya vyofasha ico gihugu gukomeza inguvu zaco za gisirikare no gukora ibitero vyo kuzimanganya igihugu ciwe.
Prezida Volodymyr Zelensky yatangaje ko amakungu adakwiye guha agahengwe Uburusiya. Ari mu gihugu ca Esitoniya, Zelensly yatangaje ko ingwano y’igihe kirekire atari ikintu ciza ku gihugu ciwe. Yagendeye ico gihugu avuye muri Lituwaniya.
Zelensky ariko agendera ibihugu vyo mu karere ka Baltike, mu ntumbero yo kurondera ko igihugu ciwe gishigikirwa mu ngwano kirimwo n’Uburusiya.
Prezida wa Estoniya, Alar Karis, yasavye ko ibihugu bicuditse na Ukraine vyotegerezwa kubandanya biyiha ibirwanisho. Yavuze ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi bikwiye kurekurira Ukraine gukora ibitero ku butaka bw’Uburusiya ikoresheje ibirwanisho vyayihaye.
Prezida Karis yavuze ko ibihugu bicuditse na Ukraine bitegerezwa kwumva ko mu gihe c’ingwano, ibitero mu bibanza vya gisirikare vy’umwansi ari ngombwa, mu ntumbero yo kugabanya inguvu ze.
Ari ku murwa mukuru wa Estoniya, Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yasubiye gusaba ko igihugu ciwe cemererwa kwinjira mw’ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN. (AFP)
Forum