Uko wahagera

Ukraine Ivuga ko Yakoroye Drone 21 kuri 29 Zayigavyeko Ibitero


Ukraine yatangeje ko yakoroye drone 21 kuri 29 z'Uburusiya mu bitero bwakoze ku butaka bwayo mw'ijoro ryashiriye kuri uyu wa gatanu.

Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine, kuri uyu wa gatanu, catangaje ko nyinshi muri izo drone zakorowe n’abasirikare bajejwe gusambura indege zo muri bwo bwoko.

Ico gisirikare cavuze ko izo drone zasamburiwe mu ntara zitandatu zirimwo izo mu bumanuko, hagati no mu burengero bw’’igihugu.

Uburusiya bwakoze kandi ibitero mu ntara ya Kharkiv iri mu buseruko bwa Ukraine bukoresheje misile zitakorewe muri ico gihugu.

Bulamatari w’iyo ntara, Ole Synehubov ni we yatangaje iyo nkuru kuri uyu wa gatanu. Synehubov yavuze ko bariko baragira amatohoza akenewe.

Yamara yatangaje ko muri iki gihe ibimenyetso biranga misile Uburusiya bwakoresheje vyahanaguwe. Yavuze ko ivyo babona ari uko igihugu cakoze izo misile atari Uburusiya. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG